-
Zaburi 40:13-17Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
13 Ewe Yehova, ndakwinginze undokore+.
Nyaruka untabare Yehova+.
14 Abo bose barondera ubuzima bwanje,
nibamaramare, barye ivyatsi!
Abo bose bahimbarwa n’ivyago vyanje,
nibasubire inyuma bishwe n’ibimaramare.
15 Abo bose bantwengera mw’ijigo,
nibaranduke umutima kubera ibimaramare!
Ese abakunda ubukiriro utanga bokwama bavuga bati:
«Yehova nashemezwe+!»
17 Ariko jewe ndi umukene atagira gitabara.
Ese Yehova yonyitaho!
-