ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yobu 21:19, 20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Igihano c’umubisha Imana izokibikira abana biwe.

      Ese yobimwishura ku buryo abimenya+!

      20 Ese amaso yiwe yobona ugutemba kwiwe,

      akaba ari we yihurira* n’uburake bwa Mushoboravyose+!

  • Zaburi 11:5, 6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  5 Yehova asuzuma abagororotsi n’ababisha+.

      Umuntu wese akunda ibintu vy’ububisha* aramushisha+.

       6 Ababisha azobatega imitego*.

      Umuriro, amazuku*+ n’umuyaga uturira ni vyo bizoba umugabane wabo*.

  • Yeremiya 25:15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Kuko Yehova Imana ya Isirayeli yambwiye ati: «Akira mu kuboko kwanje iki gikombe c’umuvinyu w’uburake, ukinyweshe amahanga yose ngira ndagutumeko.

  • Yeremiya 25:28
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 28 Nibanka gutora nya gikombe mu kuboko kwawe ngo banywe, uzobabwire uti: “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘Mutegerezwa kunywa.

  • Yeremiya 49:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Kuko Yehova avuze ati: «Raba! Ko abataciriwe urubanza rwo kunywa ku gikombe bategerezwa kukinywako, wumva weho wogenda udahanywe na gato? Ntuzogenda udahanywe, kuko utegerezwa kukinywako+.»

  • Ivyahishuwe 14:9, 10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Haza uwundi mumarayika agira gatatu, maze avuga n’ijwi rirenga ati: «Nihagira uwusenga ca gikoko+ n’ishusho yaco, kandi akemera gushirwako ikimenyetso mu ruhanga canke ku kuboko+, 10 na we nyene azonywa ku muvinyu w’uburake bw’Imana wasutswe utavanze mu gikombe c’uburake bwayo+, kandi azobabazwa n’umuriro n’amazuku*+ imbere y’abamarayika beranda na wa Mwagazi w’intama.

  • Ivyahishuwe 16:19
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Ca gisagara gikomeye+ gica gisadukamwo gutatu, n’ibisagara vy’amahanga birasenyuka. Imana ica yibuka Babiloni Akomeye+, kugira imunyweshe igikombe c’umuvinyu w’uburake bwayo bukaze+.

  • Ivyahishuwe 18:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Nimumugirire ivyo yagiriye abandi+, emwe ivyo yakoze mubigwize kabiri+. Igikombe+ yavangiyemwo abandi umuvinyu, nimukimuvangire kabiri+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika