Kuvayo 14:10 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Farawo n’ingabo ziwe begereje, Abisirayeli bunamura amaso maze babona ko Abanyamisiri babakurikiye. Baca batekerwa n’ubwoba, batangura gutakambira Yehova+. Kuvayo 14:13 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 13 Musa aca abishura ati: «Ntimugire ubwoba+. Nimwihagararire gusa, murabe ingene Yehova abarokora uno musi+. Kuko aba Banyamisiri mubona uno musi, mutazokwigera musubira kubabona+. Zaburi 91:15 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 15 Azontabaza, nanje ndamwishure+. Nzobana na we mu bihe vy’ivyago+. Nzomutabara kandi ndamuninahaze.
10 Farawo n’ingabo ziwe begereje, Abisirayeli bunamura amaso maze babona ko Abanyamisiri babakurikiye. Baca batekerwa n’ubwoba, batangura gutakambira Yehova+.
13 Musa aca abishura ati: «Ntimugire ubwoba+. Nimwihagararire gusa, murabe ingene Yehova abarokora uno musi+. Kuko aba Banyamisiri mubona uno musi, mutazokwigera musubira kubabona+.
15 Azontabaza, nanje ndamwishure+. Nzobana na we mu bihe vy’ivyago+. Nzomutabara kandi ndamuninahaze.