63 Ewe Mana, uri Imana yanje, ni wewe nguma ndondera+.
Ndakunyotewe cane+.
Umubiri wanje uragoyagoya kubera ndakwipfuza cane
ndi muri iki gihugu cumye kandi kigadutse, kitagira amazi+.
2 Ni co gituma nakwitegereje ndi ahantu heranda.
Narabonye inkomezi zawe n’ubuninahazwa bwawe+.