22 Abantu bose babonye ubuninahazwa bwanje n’ibimenyetso+ nakoreye mu Misiri no mu bugaragwa, ariko bakaguma bangerageza+ izi ncuro cumi zose kandi ntibanyumvirize+, 23 ntibazobona igihugu narahiye ba sekuru. Emwe, nta n’umwe muri abo bantu batanyubaha azogenda akibonye+.