-
Gusubira mu vyagezwe 7:1, 2Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
7 Yehova Imana yanyu niyamara kubashikana mu gihugu mugira mwigarurire+, azokwirukana imbere yanyu amahanga y’abantu benshi+: Abaheti, Abagirugashi, Abamori+, Abanyakanani, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+, amahanga indwi agizwe n’abantu benshi kandi akomeye kubarusha+. 2 Yehova Imana yanyu azobabaha kandi muzobatsinda+. Muze mubatikize ata kabuza+. Ntimuze mugiranire na bo isezerano canke ngo mubumvire impuhwe+.
-