11 Abisirayeli rero bakora ivyo Yehova abona ko ari bibi, basenga na za Bayali+. 12 Nuko baheba Yehova Imana ya ba sekuruza yari yarabakuye mu gihugu ca Misiri+. Bakurikira izindi mana, imana z’amahanga yari abakikuje+. Barazunamira, bababaza Yehova+.