ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 12:31
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 31 Ntimuze musenge Yehova Imana yanyu muri ubwo buryo, kuko bahora bakorera imana zayo ibintu vyose bishisha kandi Yehova yanka, mbere bakanaturira abahungu babo n’abakobwa babo babahereza imana zabo+.

  • 2 Abami 16:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 Ahazi+ mwene Yotamu umwami w’Ubuyuda yabaye umwami mu mwaka ugira 17 Peka mwene Remaliya aganza.

  • 2 Abami 16:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Yagumye nyabuna akurikiza akarorero kabi k’abami ba Isirayeli+, aturira n’umuhungu wiwe, amutangako ikimazi*+. Yiganye imigenzo ishisha y’amahanga+ Yehova yari yaromoye akabisa Abisirayeli.

  • 2 Abami 17:17, 18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Baranaturiye abahungu babo n’abakobwa babo babatangako ibimazi*+, bararagura+ bongera barapfumura*. Bagumye bakora* ivyo Yehova abona ko ari bibi kugira ngo bamubabaze.

      18 Yehova yaciye ashavurira cane Abisirayeli, bituma abomora bamuva imbere+. Abo mu muryango wa Yuda ni bo gusa basigaye.

  • Yeremiya 7:30, 31
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 30 “Kuko abo mu Buyuda bakoze ivyo mbona ko ari bibi”, ni ko Yehova avuze. “Bashize ibigirwamana vyabo bisesemye mu nzu yitirirwa izina ryanje, kugira bayihumanye+. 31 Bubatse ibibanza vyo gusengeramwo* i Tofeti mu mubande wa mwene Hinomu*+, kugira ngo baturire abahungu babo n’abakobwa babo+. Ico ni ikintu ntabategetse, kitigeze kinza no mu mutima*+.”

  • 1 Abakorinto 10:20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 Oya. Ahubwo nshaka kuvuga yuko ivyo amahanga ashikana, abishikanira amadayimoni, ntabishikanira Imana+. Nanje sinshaka ko musangira n’amadayimoni+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika