ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 34:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Yehova aca imbere yiwe, amumenyesha ati: «Ndi Yehova, ndi Yehova, Imana y’imbabazi+ n’impuhwe*+, iteba gushavura+ kandi yuzuye urukundo*+ n’ukuri*+.

  • Gusubira mu vyagezwe 32:36
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 36 Yehova azocira urubanza abantu biwe+,

      kandi azokwumvira impuhwe abasavyi biwe+,

      niyabona utuguvu twabo twagabanutse,

      hasigaye abatagira gitabara n’abatagira udutege.

  • Yesaya 63:7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  7 Nzovuga ibikorwa vy’urukundo* vya Yehova,

      mvuge ibikorwa vya Yehova bibereye gushemezwa.

      Nzobivuga kubera ivyo Yehova yatugiriye vyose+,

      ibintu vyiza vyinshi yakoreye ihanga rya Isirayeli

      abitumwe n’imbabazi ziwe n’urukundo* rwiwe rwinshi.

  • Gucura intimba 3:32
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 32 Naho yaduteje intuntu, azotugirira n’imbabazi kubera urukundo* rwiwe rwinshi+.

  • Yoweli 2:13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Nimutabure imitima yanyu+, atari impuzu zanyu+,

      maze mugaruke kuri Yehova Imana yanyu,

      kuko ari Imana y’impuhwe* n’imbabazi, iteba gushavura+ kandi yuzuye urukundo*+.

      Na we azoheza yigarure*, ntabateze ivyago.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika