9 Ni nde azontwara mu gisagara cugarijwe?
Ni nde azonjana gushika muri Edomu+?
10 None si wewe ga Mana, wewe wadutaye,
Imana yacu itakijana n’ingabo zacu+?
11 Nudutabare mu magorwa yacu,
kuko ubukiriro buva ku bantu ata co bumaze+.
12 Imana izoduha inkomezi+,
kandi izohonyanga abansi bacu+.