-
Ivyahishuwe 7:9, 10Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
9 Inyuma y’ivyo, mbona isinzi rinini ata muntu n’umwe yari ashoboye kuriharura. Ryari rigizwe n’abantu bo mu mahanga yose, imiryango yose, amoko yose n’indimi zose+, kandi bari bahagaze imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya wa Mwagazi w’intama. Bari bambaye amakanzu yera+, kandi bari bafise amashami y’ibigazi mu minwe+. 10 Baguma basemerera n’ijwi rirenga bati: «Ubukiriro tubukesha Imana yacu yicaye kuri ya ntebe y’ubwami+, na wa Mwagazi w’intama+.»
-