ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 7:20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 Ubwo nyene Musa na Aroni baca bakora ivyo Yehova yari abategetse. Aroni aca aduza ya nkoni, ayikubita mu ruzi Nili imbere ya Farawo n’abasuku biwe, amazi yarwo yose aca ahinduka amaraso+.

  • Kuvayo 8:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Aroni aca aramvurira ukuboko hejuru y’amazi ya Misiri, ibikere bica bitangura kuduga, vyuzura igihugu ca Misiri.

  • Kuvayo 8:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Baca bagira gutyo nyene. Aroni aduza ya nkoni yiwe ayikubita umukungugu wo hasi, imibu ica ija ku bantu no ku bikoko. Umukungugu wose wo hasi uca uhinduka imibu mu gihugu cose ca Misiri+.

  • Kuvayo 9:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Bukeye, Yehova aca abigenza ukwo nyene. Ibitungwa vy’ubwoko bwose vy’Abanyamisiri bitangura gupfa+, ariko nta na kimwe capfuye mu bitungwa vy’Abisirayeli.

  • Kuvayo 9:10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Baca batora umunyota wo mw’ifuru* maze bahagarara imbere ya Farawo. Musa araheza awuterera mu kirere, uca uhinduka ibihute bituragurika ku bantu no ku bitungwa.

  • Kuvayo 9:23
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 23 Musa aca aramvura inkoni yiwe ayerekeza mw’ijuru. Yehova aca arungika imituragaro n’urubura, umuriro* na wo ukorokera kw’isi. Yehova aguma agwisha urubura ku gihugu ca Misiri.

  • Kuvayo 10:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Maze Yehova abwira Musa ati: «Ramvurira ukuboko kwawe hejuru ya Misiri kugira inzige zitere igihugu cose, zirye ivyatsi vyose urubura rwasigaje.»

  • Kuvayo 10:21
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 21 Yehova rero abwira Musa ati: «Ramvura ukuboko kwawe ukwerekeze mw’ijuru kugira umwijima utwikire igihugu cose ca Misiri, umwijima w’umuzitanya umuntu yoshobora gukorakora.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika