2 Samweli 12:7 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 7 Natani aca abwira Dawidi ati: «Uwo mugabo ni wewe! Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Ni jewe nakurobanuje amavuta* ngo ube umwami wa Isirayeli+, kandi narakurokoye ndagukiza Sawuli+. 2 Samweli 12:9 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 9 Kubera iki none wasuzuguye ijambo ryanje jewe Yehova ugakora ivyo nanka? Wishe Uriya Umuheti, umwicisha inkota y’Abamoni+, uraheza utwara umugore wiwe+. Imigani 17:10 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Impanuro irashika ku mutima umuntu w’ubwenge*+kuruta gukubita ikijuju inkoni ijana+. Abagalatiya 6:1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 6 Bavukanyi, bishitse umuntu agafata inzira itari yo, naho yoba atarabimenya, mwebwe mukwije ibisabwa mu vy’impwemu mugerageze kumubogora n’umutima w’ubwitonzi+. Mugabo wigumizeko ijisho+, kugira ngo nawe ntuhave ugeragezwa+.
7 Natani aca abwira Dawidi ati: «Uwo mugabo ni wewe! Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Ni jewe nakurobanuje amavuta* ngo ube umwami wa Isirayeli+, kandi narakurokoye ndagukiza Sawuli+.
9 Kubera iki none wasuzuguye ijambo ryanje jewe Yehova ugakora ivyo nanka? Wishe Uriya Umuheti, umwicisha inkota y’Abamoni+, uraheza utwara umugore wiwe+.
6 Bavukanyi, bishitse umuntu agafata inzira itari yo, naho yoba atarabimenya, mwebwe mukwije ibisabwa mu vy’impwemu mugerageze kumubogora n’umutima w’ubwitonzi+. Mugabo wigumizeko ijisho+, kugira ngo nawe ntuhave ugeragezwa+.