15 Imana yongera kubwira Musa iti:
«Uzobwire Abisirayeli uti: “Yehova Imana ya ba sokuruza banyu, Imana ya Aburahamu+, Imana ya Izahaki+ n’Imana ya Yakobo+ yabantumyeko.” Iryo ni ryo zina ryanje gushika ibihe bidahera+, kandi iryo ni ryo bazonyibukirako uko urunganwe ruzokurikira urundi.