ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 19:4, 5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 4 Yonatani rero avugira Dawidi+ kuri se Sawuli, amubwira ati: «Mwami wanje, ntukorere ikibi* umusuku wawe Dawidi, kuko na we ata kibi yagukoreye. Ivyo yagukoreye vyarakugiriye akamaro. 5 Yarashize ubuzima bwiwe mu kaga* yica wa Mufilisitiya+, bituma Yehova aha intsinzi* ikomeye Isirayeli yose. Warabibonye uranezerwa. Kubera iki none wocumura mu gusesa amaraso y’intungane, ukicisha Dawidi ata co umuhoye+?»

  • 1 Samweli 20:33
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 33 Sawuli aca amutera icumu kugira ngo amwice+. Yonatani araheza amenya ko se yari yiyemeje kwica Dawidi+.

  • Yeremiya 18:20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 Mbega ineza yokwishurwa inabi?

      Kuko banyimbiye icobo+.

      Niwibuke ingene nahagaze imbere yawe kugira ndabavugire

      ngo ntubarakire.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika