-
Umusiguzi 2:18, 19Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
18 Naciye nanka ibikorwa vyose nabiriye akuya munsi y’izuba+, kuko nobwirijwe kubisigira uwuzoza inyuma yanje+. 19 None ni nde yomenya ko azoba ari umunyabwenge* canke ikijuju+? Ariko azoganza ibintu vyose nabiriye akuya kandi ngakoresha n’ubwenge bwinshi kugira ndabironke munsi y’izuba. Ivyo na vyo nyene ni ubusa.
-
-
Umusiguzi 4:8Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
8 hari umuntu usanga ari inyakamwe, atagira n’umugenzi. Nta mwana afise canke mwenewabo, ariko akaguma akora cane adaheza. Ntiyigera ahaga* ubutunzi+. Ariko yoba yigera yibaza ati: «Ndiko nduhira nde canke ndiko niyima ivyiza ku bwa nde+?» Ivyo na vyo nyene ni ubusa, kandi ni igikorwa giteye agahinda+.
-