-
Gusubira mu vyagezwe 7:7, 8Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
7 Yehova ntiyabakunze canke ngo abatore ngo ni uko ihanga ryanyu ryarimwo abantu benshi+. Mbere mwari bakeyi mu yandi mahanga yose+. 8 Ahubwo kubera yuko Yehova abakunda kandi akubaha indahiro yarahiye ba sokuruza banyu+, ni co catumye Yehova akoresha ububasha bwiwe akabakura mu gihugu mwabayemwo muri abashumba*+, akabakura mu kuboko* kwa Farawo umwami wa Misiri.
-