-
1 Abami 9:17-19Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
17 Salomo asubira kwubaka* igisagara ca Gezeri, ica Beti-Horoni y’Epfo+, 18 ica Bayalati+, ica Tamari kiri mu bugaragwa muri ico gihugu, 19 ibisagara vyiwe vyose vyo kubikamwo ibintu, ibisagara vyo kubikamwo imikogote+ n’ibisagara vy’abagendera ku mafarasi. Yubaka n’ivyo yipfuza kwubaka vyose i Yeruzalemu, i Libani n’ahandi hose mu gihugu yaganza.
-