-
1 Samweli 30:11, 12Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
11 Abasoda bari kumwe na Dawidi babona umugabo umwe w’Umunyamisiri mu gahinga, baramumuzanira. Bamuha ivyo kurya n’amazi yo kunywa. 12 Bamuha n’agakate gakozwe mu nsukoni zumye babumbabumvye n’utundi tubiri dukozwe mu nzabibu zumye. Maze ararya arahembuka kuko yari amaze imisi itatu n’amajoro atatu ata co arya ata n’ico anywa.
-