13 Imivyaro yawe ni iparadizo y’amakomamanga,
irimwo ivyamwa vyizavyiza biri kumwe n’uduti tw’ihina n’utwitwa narada,
14 narada+ na habasereti, kanehe+ na kanele+,
ubwoko bwose bw’ibiti vy’imibavu, imira n’ingagari+,
hamwe n’ubwoko bwose bw’ibiterwa bimota neza cane+.