23 Niwihe akamo k’umunezero wa juru we,
kuko Yehova yahaserutse!
Yemwe bibanza vy’ibwina mw’isi, nimukome akaruru k’intsinzi!
Nimwihe akamo k’umunezero mwa misozi mwe+,
nawe kibira n’ibiti vyawe vyose!
Kuko Yehova yacunguye Yakobo,
ubwiza bwiwe buhebuje akabwerekanira kuri Isirayeli+.»