ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 36:20, 21
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 Abatishwe n’inkota abatwara i Babiloni ari imbohe+, baba abasuku biwe+ n’abasuku b’abahungu biwe gushika intwaro* y’Ubuperesi itanguye kuganza+, 21 kugira ngo ivyo Yehova yavuze biciye kuri Yeremiya+ biranguke, gushika igihugu cishuye amasabato yaco+. Imisi yose camaze ari umusaka* carubahirije isabato, gushika imyaka 70 irangiye+.

  • Yesaya 49:14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Mugabo Siyoni yagumye avuga ngo:

      «Yehova yarampevye+, Yehova yaranyibagiye+.»

  • Yeremiya 30:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 «Mugabo nzotuma usubira kugira amagara meza, nkize inguma zawe+

      naho bagufashe nk’igicibwa bakwita:

      “Siyoni, umwe ata n’umwe amurondera+”», ni ko Yehova avuze.

  • Gucura intimba 1:4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  4 Inzira zija i Siyoni ziragandaye, kuko ata n’umwe aza ku musi mukuru+.

      Amarembo yiwe yose ni umusaka+. Abaherezi biwe baraniha.

      Abigeme biwe b’isugi* bishwe n’intuntu, kandi na we ubwiwe afise amaganya menshi.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika