ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 20:3, 4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Yehova araheza avuga ati: «Nka kurya nyene umusavyi wanje Yesaya yamaze imyaka itatu agendagenda ari gusa, ata n’ibirato yambaye, kugira bibere ikimenyetso+ n’imburi Misiri+ na Etiyopiya+, 4 ni ko umwami wa Ashuri azoshorera Abanyamisiri+ azoba yagize imbohe, n’Abanyetiyopiya azoba yagize inyagano, baba abahungu canke abatama. Azobashorera bari gusa ata birato bambaye, n’ibisusu biri hejuru, ashire ahabona ubwambure bwa Misiri*.

  • Yeremiya 46:25, 26
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 25 Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Ngira mpagurukire imana Amoni+ y’ahitwa No*+, Farawo, Misiri, imana zaho+ n’abami baho. Egome ngira mpagurukire Farawo n’abamwizigira bose+.”

      26 “Nzotuma bagwa mu maboko y’abarondera kubica, mu maboko ya Nebukadinezari* umwami wa Babiloni+ n’abasuku biwe. Ariko mu nyuma, hazosubira kuba abantu nka kera”, ni ko Yehova avuze+.

  • Ezekiyeli 29:19
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Igihugu ca Misiri ngira ndagihe Nebukadinezari* umwami wa Babiloni+. Azotwara ubutunzi bwaho, ahasahure ibintu vyinshi vyaho, abinyage. Ni vyo bizoba impembo y’ingabo ziwe.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika