-
Yesaya 20:3, 4Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
3 Yehova araheza avuga ati: «Nka kurya nyene umusavyi wanje Yesaya yamaze imyaka itatu agendagenda ari gusa, ata n’ibirato yambaye, kugira bibere ikimenyetso+ n’imburi Misiri+ na Etiyopiya+, 4 ni ko umwami wa Ashuri azoshorera Abanyamisiri+ azoba yagize imbohe, n’Abanyetiyopiya azoba yagize inyagano, baba abahungu canke abatama. Azobashorera bari gusa ata birato bambaye, n’ibisusu biri hejuru, ashire ahabona ubwambure bwa Misiri*.
-
-
Yeremiya 46:25, 26Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
25 Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Ngira mpagurukire imana Amoni+ y’ahitwa No*+, Farawo, Misiri, imana zaho+ n’abami baho. Egome ngira mpagurukire Farawo n’abamwizigira bose+.”
26 “Nzotuma bagwa mu maboko y’abarondera kubica, mu maboko ya Nebukadinezari* umwami wa Babiloni+ n’abasuku biwe. Ariko mu nyuma, hazosubira kuba abantu nka kera”, ni ko Yehova avuze+.
-