23 Abakuru b’ingabo bose hamwe n’ingabo zabo bumvise ko umwami wa Babiloni yagenye Gedaliya, baca baza kwa Gedaliya i Mizipa. Abaje ni aba: Ishimayeli mwene Netaniya, Yohanani mwene Kareya, Seraya mwene Tanihumeti w’i Netofa na Yazaniya avyarwa n’umugabo w’i Mayaka. Baje bazananye n’ingabo zabo+.