-
1 Abami 16:23, 24Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
23 Omuri yatanguye kuganza Isirayeli mu mwaka ugira 31 Asa umwami w’Ubuyuda aganza, aca atwara imyaka 12. Yamaze imyaka itandatu aganza ari i Tiruza. 24 Yahavuye agura umusozi wa Samariya italanto* zibiri z’ifeza, awugura n’umugabo yitwa Shemeri. Yaciye ahubaka igisagara maze acita Samariya*+ afatiye kw’izina rya Shemeri nyene* uwo musozi.
-