ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 25:30
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 30 Esawu aca abwira Yakobo ati: «Ntabara umpe dukeyi* kuri iyo supu itukura. Nyarutsa kuko nshonje cane*!» Ni co catumye yitwa Edomu*+.

  • Yesaya 34:5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  5 «Kuko inkota yanje izonywa amaraso+ mw’ijuru.

      Izomanuka ku Banyedomu kugira bashitsweko urubanza+,

      ku bantu nafashe ingingo yo gutikiza.

  • Ezekiyeli 25:12, 13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Edomu yarihoye abo mu Buyuda, bituma yagirwa n’ikosa rikomeye+. 13 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: ‘Nanje nzoramvura ukuboko mpane Edomu, ndaharandure abantu n’ibitungwa, ndahatikize+. Kuva i Temani gushika i Dedani, abantu bazokwicishwa inkota+.

  • Amosi 1:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Ibi ni vyo Yehova avuze:

      “Kubera Edomu yangararije+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,

      kuko yomye inyuma mwenewabo n’inkota+,

      akanka kumugirira imbabazi.

      Aguma abatabagura n’ishavu n’akantu,

      kandi n’ubu aracabafitiye ishavu+.

  • Obadiya 1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 1 Ivyo Obadiya* yeretswe.

      Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze ku vyerekeye Edomu*+:

      «Hari inkuru twumvise ivuye kuri Yehova.

      Hari intumwa yarungitswe mu mahanga kuvuga ngo:

      “Nimuhaguruke, twitegurire urugamba rwo kumurwanya+.”»

  • Malaki 1:4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 4 «Naho Edomu avuga ngo: “Twarajanjaguwe, ariko tuzogaruka dusanure ivyatikijwe”, Yehova Nyeningabo avuze ati: “Bazokwubaka, nanje nsambure. Bazokwitwa ‘akarere k’ububisha’, bitwe kandi ‘abantu Yehova yaciriye urubanza rw’ibihe bidahera+.’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika