Itanguriro 25:30 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 30 Esawu aca abwira Yakobo ati: «Ntabara umpe dukeyi* kuri iyo supu itukura. Nyarutsa kuko nshonje cane*!» Ni co catumye yitwa Edomu*+. Yesaya 34:5 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 5 «Kuko inkota yanje izonywa amaraso+ mw’ijuru. Izomanuka ku Banyedomu kugira bashitsweko urubanza+,ku bantu nafashe ingingo yo gutikiza. Ezekiyeli 25:12, 13 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 12 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Edomu yarihoye abo mu Buyuda, bituma yagirwa n’ikosa rikomeye+. 13 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: ‘Nanje nzoramvura ukuboko mpane Edomu, ndaharandure abantu n’ibitungwa, ndahatikize+. Kuva i Temani gushika i Dedani, abantu bazokwicishwa inkota+. Amosi 1:11 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 11 Ibi ni vyo Yehova avuze:“Kubera Edomu yangararije+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,kuko yomye inyuma mwenewabo n’inkota+,akanka kumugirira imbabazi.Aguma abatabagura n’ishavu n’akantu,kandi n’ubu aracabafitiye ishavu+. Obadiya 1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 1 Ivyo Obadiya* yeretswe. Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze ku vyerekeye Edomu*+: «Hari inkuru twumvise ivuye kuri Yehova.Hari intumwa yarungitswe mu mahanga kuvuga ngo: “Nimuhaguruke, twitegurire urugamba rwo kumurwanya+.”» Malaki 1:4 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 4 «Naho Edomu avuga ngo: “Twarajanjaguwe, ariko tuzogaruka dusanure ivyatikijwe”, Yehova Nyeningabo avuze ati: “Bazokwubaka, nanje nsambure. Bazokwitwa ‘akarere k’ububisha’, bitwe kandi ‘abantu Yehova yaciriye urubanza rw’ibihe bidahera+.’
30 Esawu aca abwira Yakobo ati: «Ntabara umpe dukeyi* kuri iyo supu itukura. Nyarutsa kuko nshonje cane*!» Ni co catumye yitwa Edomu*+.
5 «Kuko inkota yanje izonywa amaraso+ mw’ijuru. Izomanuka ku Banyedomu kugira bashitsweko urubanza+,ku bantu nafashe ingingo yo gutikiza.
12 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Edomu yarihoye abo mu Buyuda, bituma yagirwa n’ikosa rikomeye+. 13 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: ‘Nanje nzoramvura ukuboko mpane Edomu, ndaharandure abantu n’ibitungwa, ndahatikize+. Kuva i Temani gushika i Dedani, abantu bazokwicishwa inkota+.
11 Ibi ni vyo Yehova avuze:“Kubera Edomu yangararije+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,kuko yomye inyuma mwenewabo n’inkota+,akanka kumugirira imbabazi.Aguma abatabagura n’ishavu n’akantu,kandi n’ubu aracabafitiye ishavu+.
1 Ivyo Obadiya* yeretswe. Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze ku vyerekeye Edomu*+: «Hari inkuru twumvise ivuye kuri Yehova.Hari intumwa yarungitswe mu mahanga kuvuga ngo: “Nimuhaguruke, twitegurire urugamba rwo kumurwanya+.”»
4 «Naho Edomu avuga ngo: “Twarajanjaguwe, ariko tuzogaruka dusanure ivyatikijwe”, Yehova Nyeningabo avuze ati: “Bazokwubaka, nanje nsambure. Bazokwitwa ‘akarere k’ububisha’, bitwe kandi ‘abantu Yehova yaciriye urubanza rw’ibihe bidahera+.’