Yesaya
21 Ng’uru urubanza rwaciriwe ubugaragwa bumeze nk’ikiyaga*+:
Hari ivyago bije bivuye mu bugaragwa mu gihugu giteye ubwoba.
Bije nk’ibihuhusi bikubura mu bumanuko+.
2 Hari ibintu bikaze neretswe:
Umuhemu arahemuka,
uwuhonya agahonya.
Duga, Elamu we! Sugereza, Bumedi+ we!
Nzokuraho ukuniha kwose yateje*+.
3 Ni co gituma mfise intuntu nyinshi*+.
Mfashwe n’ukwigonyonzora
nka kurya kw’umugore ariko aribaruka.
Mfise amaganya menshi ku buryo ntumva.
Nataye umutwe ku buryo ntabona.
4 Umutima wanje waregeye. Ndahinda agashitsi kubera ubwoba bwinshi.
Agahwibi nahora nkunda karanjugumiza.
5 Nimutegure imeza, mutunganye n’ivyicaro.
Nimurye, munywe+.
Yemwe batware, nimuhaguruke murobanuze* inkinzo amavuta*!
6 Kuko Yehova yambwiye ati:
«Genda ushireho umureretsi kugira avuge ivyo abona.»
7 Maze abona umukogote w’intambara ukwegwa n’amafarasi abiri,
umukogote w’intambara ukwegwa n’indogobwa
n’umukogote w’intambara ukwegwa n’ingamiya.
Aritegereza yitonze, adakoma n’urugohe.
8 Aca asemerera nk’intambwe ati:
«Ewe Yehova, ku munara w’inderetsi ni ho nama mpagaze ku murango,
kandi ku kirindiro canje ni ho nguma buri joro+.
9 Ehe raba haje abagabo
bari mu mukogote w’intambara ukwegwa n’amafarasi abiri+!»
Maze asemerera ati:
«Yatemvye! Babiloni yatemvye+!
Ibishusho bibajwe vyose vy’imana ziwe vyamenaguriwe hasi+.»
10 Yemwe bantu bo mw’ihanga ryanje mwakubiswe nk’intete+,
mwebwe ntete zo ku mbuga* yanje yo mu murima*,
ivyo numvanye Yehova Nyeningabo Imana ya Isirayeli nabibamenyesheje.
11 Ng’uru urubanza rwaciriwe Duma*:
Hari uwumpamagara ari i Seyiri+ ati:
«Yewe nderetsi, ijoro rigeze he?
Yewe nderetsi, ijoro rigeze he?»
12 Inderetsi yishura iti:
«Bugira buce kandi burasubira bwire.
Nimba hari ico mubaza, baze.
Muze kugaruka.»
13 Ng’uru urubanza rwaciriwe ikiyaya c’ubugaragwa:
Muzorara mw’ishamba mu kiyaya c’ubugaragwa,
yemwe migwi y’ingenzi y’i Dedani+.
14 Yemwe bantu muba mu gihugu ca Tema+,
nimuzane amazi musanganire uwunyotewe.
Nimuzanire umukate uwuriko arahunga.
15 Kuko bahunze kubera inkota, kubera inkota isokoye,
kubera umuheto ufoye no kubera intambara ikaze.
16 Kuko Yehova yambwiye ati: «Mu mwaka umwe, umwaka uharuwe neza nk’uko umucangero awuharura*, icubahiro cose ca Kedari+ kizorangira. 17 Mu barwanyi b’i Kedari hazosigara abarasisha imiheto bakeyi, kuko Yehova Imana ya Isirayeli abivuze.»