ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 21
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yesaya: ibirimwo

      • Urubanza rwaciriwe ubugaragwa bumeze nk’ikiyaga (1-10)

        • Uwuguma areretse ku munara w’inderetsi (8)

        • «Babiloni yatemvye!» (9)

      • Urubanza rwaciriwe Duma n’ikiyaya c’ubugaragwa (11-17)

        • «Yewe nderetsi, ijoro rigeze he?» (11)

Yesaya 21:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Biboneka ko ari akarere ka Babiloni ya kera.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 13:1, 20
  • +Yes 13:4, 18

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/12/2006, rup. 11

    Insozero y’Ivyahishuwe, rup. 240

Yesaya 21:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Biboneka ko ari Babiloni iriko iravugwa.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 51:11, 28; Dn 5:28, 30
  • +Zb 137:1; Yes 14:4, 7; 35:10

Yesaya 21:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «amafyinga yanje yuzuye ububabare.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Hab 3:16

Yesaya 21:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «musige.»

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Dn 5:1

Yesaya 21:6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/1/2000, rup. 19

Yesaya 21:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/1/2000, rup. 20

Yesaya 21:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 3:17; Hab 2:1

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Insozero y’Ivyahishuwe, rup. 260

    Umunara w’Inderetsi,

    1/1/2000, rup. 20, 22-23

Yesaya 21:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 50:3, 9; 51:27, 28
  • +Yes 13:19; 14:4; 45:1; Yr 51:8; Dn 5:28, 30; Ivh 14:8; 18:2
  • +Yr 50:2; 51:44, 52

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Insozero y’Ivyahishuwe, rup. 260

    Umunara w’Inderetsi,

    1/1/2000, rup. 19-20

Yesaya 21:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «yewe mwana w’imbuga.»

  • *

    Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 8:46

Yesaya 21:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «agacerere.» Ni izina igihugu ca Edomu gihabwa mu buhanuzi.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 32:3; Gus 2:8; Zb 137:7

Yesaya 21:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 25:17, 23

Yesaya 21:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yb 6:19; Yr 25:17, 23

Yesaya 21:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «hisunzwe imyaka y’umucangero.» Ni ukuvuga mu mwaka umwe utarenga nturenguke.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 25:13; Zb 120:5; Ind 1:5; Yes 42:11; Yr 49:28; Ezk 27:21

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yes. 21:1Yes 13:1, 20
Yes. 21:1Yes 13:4, 18
Yes. 21:2Yr 51:11, 28; Dn 5:28, 30
Yes. 21:2Zb 137:1; Yes 14:4, 7; 35:10
Yes. 21:3Hab 3:16
Yes. 21:5Dn 5:1
Yes. 21:8Ezk 3:17; Hab 2:1
Yes. 21:9Yr 50:3, 9; 51:27, 28
Yes. 21:9Yes 13:19; 14:4; 45:1; Yr 51:8; Dn 5:28, 30; Ivh 14:8; 18:2
Yes. 21:9Yr 50:2; 51:44, 52
Yes. 21:101Bm 8:46
Yes. 21:11It 32:3; Gus 2:8; Zb 137:7
Yes. 21:13Yr 25:17, 23
Yes. 21:14Yb 6:19; Yr 25:17, 23
Yes. 21:16It 25:13; Zb 120:5; Ind 1:5; Yes 42:11; Yr 49:28; Ezk 27:21
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yesaya 21:1-17

Yesaya

21 Ng’uru urubanza rwaciriwe ubugaragwa bumeze nk’ikiyaga*+:

Hari ivyago bije bivuye mu bugaragwa mu gihugu giteye ubwoba.

Bije nk’ibihuhusi bikubura mu bumanuko+.

 2 Hari ibintu bikaze neretswe:

Umuhemu arahemuka,

uwuhonya agahonya.

Duga, Elamu we! Sugereza, Bumedi+ we!

Nzokuraho ukuniha kwose yateje*+.

 3 Ni co gituma mfise intuntu nyinshi*+.

Mfashwe n’ukwigonyonzora

nka kurya kw’umugore ariko aribaruka.

Mfise amaganya menshi ku buryo ntumva.

Nataye umutwe ku buryo ntabona.

 4 Umutima wanje waregeye. Ndahinda agashitsi kubera ubwoba bwinshi.

Agahwibi nahora nkunda karanjugumiza.

 5 Nimutegure imeza, mutunganye n’ivyicaro.

Nimurye, munywe+.

Yemwe batware, nimuhaguruke murobanuze* inkinzo amavuta*!

 6 Kuko Yehova yambwiye ati:

«Genda ushireho umureretsi kugira avuge ivyo abona.»

 7 Maze abona umukogote w’intambara ukwegwa n’amafarasi abiri,

umukogote w’intambara ukwegwa n’indogobwa

n’umukogote w’intambara ukwegwa n’ingamiya.

Aritegereza yitonze, adakoma n’urugohe.

 8 Aca asemerera nk’intambwe ati:

«Ewe Yehova, ku munara w’inderetsi ni ho nama mpagaze ku murango,

kandi ku kirindiro canje ni ho nguma buri joro+.

 9 Ehe raba haje abagabo

bari mu mukogote w’intambara ukwegwa n’amafarasi abiri+!»

Maze asemerera ati:

«Yatemvye! Babiloni yatemvye+!

Ibishusho bibajwe vyose vy’imana ziwe vyamenaguriwe hasi+.»

10 Yemwe bantu bo mw’ihanga ryanje mwakubiswe nk’intete+,

mwebwe ntete zo ku mbuga* yanje yo mu murima*,

ivyo numvanye Yehova Nyeningabo Imana ya Isirayeli nabibamenyesheje.

11 Ng’uru urubanza rwaciriwe Duma*:

Hari uwumpamagara ari i Seyiri+ ati:

«Yewe nderetsi, ijoro rigeze he?

Yewe nderetsi, ijoro rigeze he?»

12 Inderetsi yishura iti:

«Bugira buce kandi burasubira bwire.

Nimba hari ico mubaza, baze.

Muze kugaruka.»

13 Ng’uru urubanza rwaciriwe ikiyaya c’ubugaragwa:

Muzorara mw’ishamba mu kiyaya c’ubugaragwa,

yemwe migwi y’ingenzi y’i Dedani+.

14 Yemwe bantu muba mu gihugu ca Tema+,

nimuzane amazi musanganire uwunyotewe.

Nimuzanire umukate uwuriko arahunga.

15 Kuko bahunze kubera inkota, kubera inkota isokoye,

kubera umuheto ufoye no kubera intambara ikaze.

16 Kuko Yehova yambwiye ati: «Mu mwaka umwe, umwaka uharuwe neza nk’uko umucangero awuharura*, icubahiro cose ca Kedari+ kizorangira. 17 Mu barwanyi b’i Kedari hazosigara abarasisha imiheto bakeyi, kuko Yehova Imana ya Isirayeli abivuze.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika