ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 3
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yeremiya: ibirimwo

      • Ubuhemu bukomeye bwa Isirayeli (1-5)

      • Isirayeli n’Ubuyuda bararenze ibigo (6-11)

      • Baterwa akamo ngo bigaye (12-25)

Yeremiya 3:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «abagenzi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 24:5; Yr 2:7
  • +Yr 2:20; Ezk 16:28, 29

Yeremiya 3:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «nk’Umwarabu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 16:16; 20:28

Yeremiya 3:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «usigaye ufise uruhanga rw’umugore.»

  • *

    Canke «ashira isoni.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:19; Yr 14:4; Am 4:7
  • +Yr 6:15

Yeremiya 3:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 2:2

Yeremiya 3:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mik 2:1; 7:3

Yeremiya 3:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 22:1
  • +Ezk 20:28; Hs 4:13

Yeremiya 3:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 17:13; 2Ng 30:6; Hs 14:1
  • +Ezk 16:46; 23:2, 4

Yeremiya 3:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 24:1
  • +Ezk 23:4, 5, 9; Hs 2:2; 9:15
  • +2Bm 17:19; Ezk 23:4, 11

Yeremiya 3:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 57:5, 6; Yr 2:27

Yeremiya 3:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 16:51; 23:4, 11

Yeremiya 3:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 17:6; Yr 23:8
  • +Yr 4:1; Ezk 33:11; Hs 14:1
  • +Hs 11:8, 9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Yeremiya, rup. 150-152

    Umunara w’Inderetsi,

    15/3/2007, rup. 9

Yeremiya 3:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ukwiragiza inzira zawe.»

  • *

    Canke «imana z’inyamahanga.»

Yeremiya 3:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «nababereye umugabo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 23:3

Yeremiya 3:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ugutahura kwimbitse.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 23:4; Ezk 34:23

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Yeremiya, rup. 129-130

Yeremiya 3:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Hs 1:10

Yeremiya 3:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 87:3; Ezk 43:7
  • +Yes 2:2, 3; 56:6, 7; 60:3; Mik 4:1, 2; Zk 2:11; 8:22, 23

Yeremiya 3:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 50:4; Ezk 37:19; Hs 1:11
  • +2Ng 36:23; Ezr 1:3; Am 9:15

Yeremiya 3:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu ngabo z’amahanga.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 20:6

Yeremiya 3:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «umugenzi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 48:8; Hs 3:1; 5:7

Yeremiya 3:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 17:10; Hs 8:14; 13:6

Yeremiya 3:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Hs 14:1, 4
  • +Yr 31:18; Hs 3:5

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Yeremiya, rup. 72

Yeremiya 3:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 65:7
  • +Yes 12:2

Yeremiya 3:24

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «imana y’akamaramaza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Hs 9:10

Yeremiya 3:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 2:19
  • +Ezr 9:7; Zb 106:7

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yer. 3:1Yes 24:5; Yr 2:7
Yer. 3:1Yr 2:20; Ezk 16:28, 29
Yer. 3:2Ezk 16:16; 20:28
Yer. 3:3Lw 26:19; Yr 14:4; Am 4:7
Yer. 3:3Yr 6:15
Yer. 3:4Yr 2:2
Yer. 3:5Mik 2:1; 7:3
Yer. 3:62Bm 22:1
Yer. 3:6Ezk 20:28; Hs 4:13
Yer. 3:72Bm 17:13; 2Ng 30:6; Hs 14:1
Yer. 3:7Ezk 16:46; 23:2, 4
Yer. 3:8Gus 24:1
Yer. 3:8Ezk 23:4, 5, 9; Hs 2:2; 9:15
Yer. 3:82Bm 17:19; Ezk 23:4, 11
Yer. 3:9Yes 57:5, 6; Yr 2:27
Yer. 3:11Ezk 16:51; 23:4, 11
Yer. 3:12Yr 4:1; Ezk 33:11; Hs 14:1
Yer. 3:12Hs 11:8, 9
Yer. 3:122Bm 17:6; Yr 23:8
Yer. 3:14Yr 23:3
Yer. 3:15Yr 23:4; Ezk 34:23
Yer. 3:16Hs 1:10
Yer. 3:17Zb 87:3; Ezk 43:7
Yer. 3:17Yes 2:2, 3; 56:6, 7; 60:3; Mik 4:1, 2; Zk 2:11; 8:22, 23
Yer. 3:18Yr 50:4; Ezk 37:19; Hs 1:11
Yer. 3:182Ng 36:23; Ezr 1:3; Am 9:15
Yer. 3:19Ezk 20:6
Yer. 3:20Yes 48:8; Hs 3:1; 5:7
Yer. 3:21Yes 17:10; Hs 8:14; 13:6
Yer. 3:22Hs 14:1, 4
Yer. 3:22Yr 31:18; Hs 3:5
Yer. 3:23Yes 65:7
Yer. 3:23Yes 12:2
Yer. 3:24Hs 9:10
Yer. 3:25Yr 2:19
Yer. 3:25Ezr 9:7; Zb 106:7
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yeremiya 3:1-25

Yeremiya

3 Abantu barabaza ngo: «Umugabo yirukanye umugore wiwe akagenda, akaba umugore w’uwundi mugabo, mbega yoba akimucura?»

Wumva ico gihugu kitahumanye rwose+?

«Wakoze ubumaraya, uryamana n’abagabo* benshi+.

Ubu rero ushaka kungarukako?» ni ko Yehova avuze.

 2 «Raramura amaso urabe imirambi igaragara.

Ni hehe abagabo bataryamaniye nawe?

Wicaye ku mabarabara ubarindiriye

nk’umuntu aguma yimuka* mu bugaragwa.

Uguma uhumanisha igihugu

ubumaraya bwawe n’ububisha bwawe+.

 3 Ni co gituma utakironka imvura ikwiye+,

n’imvura y’impeshi ntiboneke.

Usigaye usa n’umugore* ata co yibanga* akora ubumaraya.

Ntunamaramara+.

 4 Mugabo ubu urantabaza ukambwira ngo:

“Dawe, ni wewe mugenzi wo mu buto bwanje+!

 5 Hari uwoguma ashavuye ibihe vyose

canke akagumana inzika?”

Ivyo ni vyo muvuga,

mugabo muguma mukora ibibi vyose mushoboye gukora+.»

6 Mu gihe c’umwami Yosiya+, Yehova yambwiye ati: «“Wabonye ivyo wa muhemu Isirayeli yakoze? Yagiye ku misozi miremire yose no munsi y’igiti gitotahaye cose, ahakorera ubumaraya+. 7 N’inyuma y’aho akoreye ivyo bintu vyose, nagumye ndamubwira ngo angarukeko+, mugabo ntiyagarutse. Yuda na we yaguma yitegereza mwenewabo w’umuhemu+. 8 Aho ndabiboneye, narirukanye uwo muhemu Isirayeli, ndamuha urupapuro rwo kwahukana+ kubera yarenze ibigo+. Yamara mwenewabo w’umuhemu Yuda ntiyatinye. Na we nyene yaragiye akora ubumaraya+. 9 Ubumaraya yakora yabufata ibisanzwe, kandi yagumye ahumanya igihugu yongera arenga ibigo mu gusenga ibiti n’amabuye+. 10 Naho ivyo vyose vyabaye, mwenewabo w’umuhemu Yuda ntiyangarutseko n’umutima wiwe wose. Kwari ukwigirisha gusa”, ni ko Yehova avuze.»

11 Yehova aca ambwira ati: «Wa muhemu Isirayeli yabaye umugororotsi gusumba wa muhemu Yuda+. 12 Genda utangaze aya majambo uyerekeza mu buraruko+ uti:

“‘Ewe muhemu Isirayeli, nugaruke’, ni ko Yehova avuze+.” “‘Sinzokurabira hasi nshavuye+ kuko ndi intahemuka’, ni ko Yehova avuze.” “‘Sinzogumana inzika ibihe vyose. 13 Wewe gusa niwemere ikosa ryawe, kuko wagararije Yehova Imana yawe. Wagumye uryamana* n’abanyamahanga* munsi y’igiti gitotahaye cose, mugabo ntiwumviye ijwi ryanje’, ni ko Yehova avuze.”»

14 «Nimugaruke mwa bana b’ibihemu», ni ko Yehova avuze. «Kuko nababereye shobuja w’ukuri*. Nzobatora, umwe ndamukuye mu gisagara, babiri mu muryāngo maze ndabajane i Siyoni+. 15 Nzobaha abungere bameze nk’uko umutima wanje ugomba+. Bazobagaburira bakoresheje ubumenyi n’ubukerebutsi*. 16 Muri iyo misi muzogwira kandi murondoke mu gihugu», ni ko Yehova avuze+. «Nta wuzosubira kuvuga ngo: “Isandugu y’isezerano rya Yehova!” Ntizobaza mu mutima canke ngo bayibuke canke ngo bayikumbure, kandi nta yindi izosubira gukorwa. 17 Ico gihe Yeruzalemu bazoyita intebe y’ubwami ya Yehova+. I Yeruzalemu ni ho amahanga yose azokoranirizwa kugira ngo ashemeze izina rya Yehova+, kandi ntibazokwongera gukurikira umutima wabo mubi babigiranye akagagazo.»

18 «Muri iyo misi, abo mu Buyuda no muri Isirayeli bazogendana+. Bazova mu gihugu co mu buraruko bari kumwe, binjire mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu ngo kibe intoranwa yabo+. 19 Nibwiye nti: “Ese ukuntu nagufashe nk’umwe mu bahungu banje nkaguha igihugu gihimbaye, intoranwa nziza kuruta izindi zose mu mahanga*+!” Nibwiye kandi ko wonyise “Dawe!”, be n’uko utokwigeze ureka kunkurikira. 20 “Mu vy’ukuri, nka kurya umugore ahemuka agata umugabo* wiwe, ni ko na mwebwe Bisirayeli mwampemukiye+”, ni ko Yehova avuze.»

21 Ku mirambi igaragara humvikanye ijwi.

Ni ijwi ry’ukurira n’ugutakamba kw’Abisirayeli.

Kuko bagoramitse inzira yabo,

bibagira Yehova Imana yabo+.

22 «Yemwe bana b’ibihemu, nimugaruke.

Nzokiza ubuhemu bwanyu+.»

«Turarengutse! Tuje iwawe Yehova,

kuko uri Imana yacu+.

23 Ni ukuri ivyo twakorera ku mirambi n’urwamo twavugiriza ku misozi vyari ivy’uruhendo+.

Ni ukuri Yehova Imana yacu ni we azokiza Isirayeli+.

24 Mugabo ikintu c’akamaramaza* carahoneje ivyo ba sogokuruza bacumukuriye kuva mu buto bwacu+,

gihonya ibitungwa vyabo bitobito na bininibinini,

n’abahungu babo n’abakobwa babo.

25 Turyame hasi kubera ibimaramare,

twipfuke agateterwe,

kuko twebwe na ba data twacumuye kuri Yehova Imana yacu+,

kuva mu buto bwacu gushika n’uyu musi+.

Ntitwumviye ijwi rya Yehova Imana yacu.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika