Yobu
9 Yobu yishura ati:
2 «Ndazi neza ko ari ukwo biri.
Ariko none umuntu buntu yoshobora gutsinda Imana mu rubanza+?
4 Ni inkerebutsi mu mutima, kandi ifise ububasha burenze+.
Ni nde yoyihanga akagenda adakomeretse+?
9 Ni yo yakoze umugwi w’inyenyeri witwa Ashi*, uwitwa Kesili*,
uwitwa Kima*+ hamwe n’imigwi y’inyenyeri zo mu bumanuko.
10 Ikora ibintu bikomeye bisiga ubwenge+,
ibintu vy’agatangaza bidaharurika+.
11 Ica iruhande yanje ariko sindayibone.
Irandengana ariko sindayimenye.
12 Iyo inyakuye ikintu, ni nde yoyitangira?
Ni nde yoyibaza ngo: “Ivyo ugira ni ibiki+?”
14 Hari akantu rero jewe igihe ndayishura!
Wumva ntakwiye guhitamwo neza amajambo mvuga?
15 Naho noba ndi mu kuri, sinoronka ico ndayishura+.
Nta kindi nokora atari ugusaba imbabazi umucamanza wanje*.
16 Hamwe noyihamagara, ugira ngo yonyitaba?
Sinibaza n’uko yonyumviriza,
17 kuko insavya ikoresheje igihuhusi,
ikongereza ibikomere vyanje ata mvo+.
18 Ntimpa n’akanya ko guhumeka.
Iguma intamika ibintu vy’umururazi.
19 Hamwe twovuga ibijanye n’inguvu, ni yo izifise rero+.
Tuvuze ibijanye n’ubutungane na ho, ica ivuga iti: “Ni nde yombaza ivyo nakoze*?”
20 Naho noba ndi mu kuri, akanwa kanje kontsindisha.
Naho noba ndi intungane*, yovuga ko nagiriwe n’icaha.
22 Vyose ni cokimwe. Ni co gituma mvuga nti:
“Intungane n’umubisha irajaniranya.”
23 Hamwe hotera isegenya igahitana abantu giturumbuka,
yokwitwengera ibonye ingene intungane zihebuye.
Nimba atari yo ibigira, none ni nde?
26 Irihuta nk’ubwato bukozwe mu rufunzo,
nk’inkona ishungurukira ku kintu igira ifate.
27 Naho novuga nti: “Reka nibagire amaganya yanje,
reka nezerwe ndeke kwijirwa mu maso”,
29 Nokubitwa intahe mu gahanga.
Kubera iki none noruhira ubusa+?