Yesaya
6 Mu mwaka umwami Uziya yapfa+, nabonye Yehova yicaye ku ntebe y’ubwami iri hejuru cane+, kandi igice c’epfo c’ikanzu yiwe cari cuzuye urusengero. 2 Abaserafi* bari bahagaze hejuru yiwe. Umwe wese yari afise amababa atandatu. Abiri yayipfukisha mu maso, yandi abiri akayapfukisha ibirenge, abiri asigaye na yo akayagurukisha.
3 Umwe yarahamagara uwundi akamubwira ati:
«Umweranda, umweranda, umweranda ni Yehova Nyeningabo+.
Isi yose yuzuye ubuninahazwa bwiwe.»
4 Ijwi ry’uwuhamagara* rimaze kwumvikana, ibintu imiryango yo ku bwinjiriro izungurukirako bitangura kunyiganyiga, inzu na yo yuzura umwotsi+.
5 Nca mvuga nti: «Karabaye
ndapfuye*,
kubera ko ndi umuntu w’iminwa ihumanye,
nkaba mba mu bantu b’iminwa ihumanye+,
no kubera ko amaso yanje yiboneye Umwami Yehova Nyeningabo ubwiwe!»
6 Maze umwe muri abo baserafi araguruka aza aho ndi, afise mu kuboko ikara rirurumba+ yari yatoje udupensi ku gicaniro+. 7 Araheza arikoza ku munwa wanje, avuga ati:
«Iri kara rirakoze ku minwa yawe.
Ikosa ryawe rirakuweho,
n’igicumuro cawe kirababariwe*.»
8 Nca numva ijwi rya Yehova rivuga riti: «Ntume nde? Ni nde yotugira+?» Maze mvuga nti: «Ndi hano ntuma+.»
9 Anyishura ati: «Genda ubwire aba bantu uti:
“Muzokwumva incuro n’izindi,
ariko ntimutegere.
Muzobona incuro n’izindi,
ariko ntihagire ico mumenya+.”
10 Nudadaze umutima w’aba bantu+,
utume amatwi yabo aba intumva+,
umatanye amaso yabo
kugira ntibayarabishe,
canke ngo bumvishe amatwi,
kugira ngo umutima wabo ntutegere,
ngo bahindukire maze bakizwe+.»
11 Nca mvuga nti: «Gushika ryari ga Yehova?» Maze anyishura ati:
«Gushika ibisagara bihomvaguritse bigasigara ata wubibamwo,
n’amazu agasigara ata muntu ayabamwo,
n’igihugu kigatikizwa kigasigara ari umusaka+.
12 Gushika Yehova yomoye abantu+,
igihugu kigasigara ari akahebwe bimwe bikomeye.
13 Mugabo kizosigaramwo ic’icumi c’abantu, kandi na co nyene kizosubira guturirwa. Kizomera nk’igiti kinini n’igiti c’umweloni bisigarana igishitsi iyo vyiciwe. Uruvyaro* rweranda ni rwo ruzoba igishitsi caco.»