99 Yehova abaye Umwami+. Amahanga najugumire.
Yicaye ku ntebe y’ubwami hejuru y’abakerubi+. Isi ninyiganyige.
2 Yehova arahambaye i Siyoni,
kandi ari hejuru cane y’amahanga yose+.
3 Nibashemeze izina ryawe rihambaye+,
kuko riteye ubwoba kandi rikaba ari ryeranda.
4 Ni umwami akomeye akunda ubutungane+.
Waratsimbataje ubugororotsi.
Wazaniye ubutungane n’ubugororotsi+ abakomoka kuri Yakobo.
5 Nimuhayagize Yehova Imana yacu+, mwuname imbere y’intebe y’ibirenge vyiwe+.
Ni mweranda+.
6 Musa na Aroni bari mu baherezi biwe+,
Samweli na we yari mu bambaza izina ryiwe+.
Barambaza Yehova,
na we akabishura+.
7 Yavuganira na bo mu nkingi y’igicu+.
Baragumije ivyibutswa vyiwe n’amategeko yabahaye+.
8 Ewe Yehova Mana yacu, warabishura+.
Wababereye Imana itanga imbabazi+,
ariko warabahana kubera ibicumuro vyabo+.
9 Nimuhayagize Yehova Imana yacu+,
mumwunamire ku musozi wiwe mweranda+,
kuko Yehova Imana yacu ari mweranda+.