Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi.
2 Yankuye mu cobo kirimwo amazi asuriranya,
mu rwondo rujaga.
Yateretse ibirenge vyanje ku rutare,
atuma intambuko zanje zikomera.
Benshi bazotangarira ivyo Imana yakoze
maze bizigire Yehova.
4 Hahiriwe umuntu yizigira Yehova,
ntakurikire abantu b’abagarariji canke b’ababeshi.
5 Ewe Yehova Mana yanje,
ese ukuntu wakoze ibintu vyinshi cane!
Ibikorwa vyawe biratangaje kandi ivyiyumviro udufiseko ni vyiza+.
Nta wogereranywa nawe+.
Hamwe nogerageza kubivuga no kubiyaga,
ni vyinshi ku buryo ntoshobora kubidondagura+.
Ntiwasavye amashikanwa aturirwa n’amashikanwa y’igicumuro+.
7 Ndaheza mvuga nti: «Ehe ndaje.
Ni ko vyanditswe mu muzingo* ku binyerekeye+.
9 Ndatangaza inkuru nziza y’ubugororotsi mw’ishengero+ rinini.
Emwe, sinigera ncereza+,
kandi ivyo urabizi neza Yehova.
10 Sinyegeza ubugororotsi bwawe mu mutima wanje.
Ndatangaza ubwizigirwa bwawe n’ubukiriro utanga.
Simpisha urukundo* rwawe n’ukuri kwawe mw’ishengero+ rinini.»
11 Ewe Yehova, ntunyime imbabazi zawe.
Ese urukundo* rwawe n’ukuri kwawe vyokwama binzigama+!
12 Ivyago binyugarije ni vyinshi cane sinshobora kubiharura+.
Amakosa yanje ni menshi, arandemereye ku buryo ntashobora no kubona inzira+.
Ni menshi kuruta umushatsi wanje,
kandi nacitse intege.
13 Ewe Yehova, ndakwinginze undokore+.
Nyaruka untabare Yehova+.
14 Abo bose barondera ubuzima bwanje,
nibamaramare, barye ivyatsi!
Abo bose bahimbarwa n’ivyago vyanje,
nibasubire inyuma bishwe n’ibimaramare.
15 Abo bose bantwengera mw’ijigo,
nibaranduke umutima kubera ibimaramare!
Ese abakunda ubukiriro utanga bokwama bavuga bati:
«Yehova nashemezwe+!»
17 Ariko jewe ndi umukene atagira gitabara.
Ese Yehova yonyitaho!