Yeremiya
15 Maze Yehova ambwira ati: «Naho Musa na Samweli boba bahagaze imbere yanje+, aba bantu sinobemera*. Bankure mu maso. Nibagende. 2 Nibakubaza bati: “Tuje hehe?”, uze ubabwire uti: “Yehova avuze ati:
‘Uwugenewe ikiza cica, naje ku kiza cica!
Uwugenewe inkota, naje ku nkota+!
Uwugenewe inzara, naje ku nzara!
Uwugenewe kugirwa imbohe na we, naje kugirwa imbohe+!’”
3 Yehova avuze ati: “Nzobateza ivyago bine*+: inkota yo kwica, imbwa zo kuburuta, inyoni zo mu kirere n’ibikoko vyo kw’isi birya bigahonya+. 4 Nzotuma bacika akajoreza imbere y’ubwami bwose bwo kw’isi+ kubera ivyo Manase mwene Hezekiya, umwami w’Ubuyuda, yakoze i Yeruzalemu+.
5 Ni nde azokwumvira impuhwe ga Yeruzalemu?
Ni nde azosangira nawe umubabaro?
Ni nde azohagarara ngo abaze uko umerewe?”
6 Yehova avuze ati: “Warantaye+.
Ni co gituma nzoramvura ukuboko ndakurwanye, ndaguhonye+.
Nduhijwe no kukwumvira akagongwe*.
7 Nzobagosoza igikanya mu marembo y’igihugu.
Nzobahekura+.
Nzorandura abantu banje,
kuko banse guhindukira ngo bahebe ingeso zabo+.
8 Imbere yanje, abapfakazi babo bazoba benshi kuruta umusenyi wo ku biyaga.
Nzobazanako uwubahonya mu masasita, ahonye ba inabibondo n’imisore.
Nzotuma bukwi na bukwi baja mu ruhagarara, baranduke umutima.
9 Umugore yavyaye abana indwi arayamye.
Arahemagirika.
Izuba ryiwe ryarenze hakibona,
bituma amaramara, arateterwa*.”
Yehova avuze ati: “Bakeyi basigaye muri bo
nzotuma bicwa n’inkota y’abansi babo+.”»
Sinatse ingurane canke ngo ndayitange,
mugabo bose baramvuma.
11 Yehova avuze ati: «Ni ukuri nzogukorera iciza.
Ni ukuri nzohaseruka ku bwawe nkurinde umwansi mu gihe c’ivyago,
mu gihe c’amarushwa.
12 Mbega hari uwovunagura icuma,
icuma kiva mu buraruko, akavunagura n’umujumpu?
13 Ivyo ufise n’amatunga yawe nzoreka abansi bawe babinyage+ ata co barishe.
Bazobitwara kubera ibicumuro vyawe vyose wakoreye mu turere twawe twose.
Kuko ishavu ryanje ryatumye umuriro waka,
kandi ni mwebwe uzoturira+.»
15 Ewe Yehova, urazi ivyanje.
Nunyibuke, unyiteho.
Abampama nubihore ku bwanje+.
Ntureke ngo mpone* kubera ko uteba gushavura.
Aka gacokoro umenye ko ndakikoreye kubera wewe+.
16 Amajambo yawe narayaronse ndayarya+.
Ijambo ryawe ryatumye umutima wanje wigina, uranezerwa
kuko nitirirwa izina ryawe, ewe Yehova Mana Nyeningabo!
17 Sinicarana n’abakunda kwiryohera ngo nezerwe+.
18 Kubera iki ububabare bwanje budahera, n’uruguma rwanje ntirukire?
Rwanse gukira.
Woba uzombera nk’isoko ry’amazi ryakamye*,
ridashobora kwizigirwa?
19 Yehova rero avuze ati:
«Niwagaruka nzokwakira,
uhagarare imbere yanje.
Niwatandukanya ibifise agaciro n’ibintu ata co bimaze,
uzombera umuvugizi*.
Abantu bazobwirizwa kukuzako,
mugabo wewe ntuzobajako.»
20 «Nkugize uruhome rukomeye rw’umujumpu imbere y’aba bantu+.
Bazokurwanya koko,
mugabo ntibazokunesha+,
kuko ndi kumwe nawe kugira ngo ndagukize ndakurokore», ni ko Yehova avuze.
21 «Nzokurokora ngukure mu kuboko kw’ababisha,
ndagucungure ngukure mu kiganza c’abantu b’imburakigongwe.»