ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 39
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yeremiya: ibirimwo

      • Itemba rya Yeruzalemu (1-10)

        • Zedekiya ahunga agafatwa (4-7)

      • Itegeko ryo kwitwararika Yeremiya (11-14)

      • Ebedi-Meleki azorokoka (15-18)

Yeremiya 39:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:1, 2; Yr 52:4, 5; Ezk 24:1, 2

Yeremiya 39:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:3, 4; Yr 52:6, 7; Ezk 33:21

Yeremiya 39:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «Nerigali-Sharezeri, Samugari-Nebo, Sarisekimu, Rabusarisi», twisunze ubundi buryo bwo kubitondeka mu giheburayo.

  • *

    Canke «umukuru w’abanyamageza (uwuragurira ku nyenyeri).»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 1:15

Yeremiya 39:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:25
  • +2Bm 25:4-7; Yr 52:7-11

Yeremiya 39:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 32:4; 38:18
  • +2Bm 23:31, 33
  • +2Bm 17:24

Yeremiya 39:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 21:7; 34:18-20

Yeremiya 39:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 12:13

Yeremiya 39:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ikirimba.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 5:9; Yr 38:18
  • +2Bm 25:9-11; 2Ng 36:17, 19; Neh 1:3; Yr 52:13-15

Yeremiya 39:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:20; Yr 40:1; 52:12

Yeremiya 39:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «n’ibikorwa vy’agahato.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:12; Yr 52:16

Yeremiya 39:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.

Yeremiya 39:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 40:2, 4

Yeremiya 39:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «umwishikira mukuru wo ku kirimba.»

  • *

    Canke «umukuru w’abanyamageza (uwuragurira ku nyenyeri).»

Yeremiya 39:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 38:28
  • +2Bm 25:22; Yr 40:5; 41:2
  • +2Ng 34:20, 21; Yr 26:24
  • +2Bm 22:8

Yeremiya 39:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 32:2; 37:21

Yeremiya 39:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 38:7

Yeremiya 39:17

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/5/2012, rup. 31

Yeremiya 39:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «uzosahura.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 45:2, 5
  • +Zb 37:39, 40; Yr 17:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/5/2012, rup. 31

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yer. 39:12Bm 25:1, 2; Yr 52:4, 5; Ezk 24:1, 2
Yer. 39:22Bm 25:3, 4; Yr 52:6, 7; Ezk 33:21
Yer. 39:3Yr 1:15
Yer. 39:4Gus 28:25
Yer. 39:42Bm 25:4-7; Yr 52:7-11
Yer. 39:5Yr 32:4; 38:18
Yer. 39:52Bm 23:31, 33
Yer. 39:52Bm 17:24
Yer. 39:6Yr 21:7; 34:18-20
Yer. 39:7Ezk 12:13
Yer. 39:8Yes 5:9; Yr 38:18
Yer. 39:82Bm 25:9-11; 2Ng 36:17, 19; Neh 1:3; Yr 52:13-15
Yer. 39:92Bm 25:20; Yr 40:1; 52:12
Yer. 39:102Bm 25:12; Yr 52:16
Yer. 39:12Yr 40:2, 4
Yer. 39:14Yr 38:28
Yer. 39:142Bm 25:22; Yr 40:5; 41:2
Yer. 39:142Ng 34:20, 21; Yr 26:24
Yer. 39:142Bm 22:8
Yer. 39:15Yr 32:2; 37:21
Yer. 39:16Yr 38:7
Yer. 39:18Yr 45:2, 5
Yer. 39:18Zb 37:39, 40; Yr 17:7
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yeremiya 39:1-18

Yeremiya

39 Mu mwaka ugira icenda Zedekiya umwami w’Ubuyuda aganza, mu kwezi kugira cumi, Nebukadinezari* umwami wa Babiloni n’ingabo ziwe zose baza i Yeruzalemu, barahugariza+.

2 Mu mwaka ugira 11 Zedekiya aganza, mu kwezi kugira kane, ku musi ugira icenda w’ukwo kwezi, bamena uruzitiro rw’igisagara+. 3 Nuko abatware bose b’umwami wa Babiloni barinjira, bicara kw’irembo ryo hagati+. Hari Nerigali-Sharezeri Samugari, Nebo-Sarisekimu Rabusarisi*, Nerigali-Sharezeri Rabumagi* n’abandi batware bose b’umwami wa Babiloni.

4 Zedekiya umwami w’Ubuyuda n’abasoda bose barababona. Maze barahunga+ bava mu gisagara mw’ijoro, baca ahari umurima w’umwami, mw’irembo ryari hagati y’inzitiro zibiri. Barabandanya berekeza mu karere ka Araba+. 5 Mugabo ingabo z’Abakaludaya ziboma inyuma, zihambiriza Zedekiya mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko+. Maze baramufata bamudugana i Ribula+ mu gihugu ca Hamati+, bamushikiriza Nebukadinezari* umwami wa Babiloni, amucira urubanza ng’aho. 6 Umwami wa Babiloni yicisha abahungu ba Zedekiya aho i Ribula mu maso yiwe, yicisha n’abanyacubahiro bose bo mu Buyuda+. 7 Maze umwami afata Zedekiya amugira impumyi, hanyuma amubohesha amapingu y’umujumpu, amujana i Babiloni+.

8 Abakaludaya baturira inzu* y’umwami n’inzu zose z’abanyagihugu+, basiturira hasi n’inzitiro za Yeruzalemu+. 9 Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera umwami atwara mu bunyagano i Babiloni abantu bari basigaye mu gisagara, abari bataye bakomokera kuri we, n’abandi bose bari basigaye.

10 Mugabo Nebuzaradani umukuru w’abacungera umwami asigaza mu Buyuda bamwebamwe mu bantu nyarucari batari bafise ikintu na kimwe. Kuri uwo musi abaha n’imirima y’imizabibu n’amatongo yo kurima*+.

11 Ku bijanye na Yeremiya, Nebukadinezari* umwami wa Babiloni ategeka Nebuzaradani umukuru w’abacungera umwami ati: 12 «Mutore umwitwararike. Ntihagire ikibi umugirira, kandi umukorere ico agusaba cose+.»

13 Nuko Nebuzaradani umukuru w’abacungera umwami, Nebushazibani Rabusarisi*, Nerigali-Sharezeri Rabumagi* n’abantu bakurubakuru bose b’umwami wa Babiloni batuma abagabo 14 gukura Yeremiya mu kigo c’abarinzi+, maze bamushikiriza Gedaliya+ mwene Ahikamu+, Ahikamu mwene Shafani+, ngo amujane iwe. Gutyo asubira kuba mu bandi bantu.

15 Igihe Yeremiya yari apfungiwe mu kigo c’abarinzi+, Yehova yamubwiye ati: 16 «Genda ubwire Ebedi-Meleki+ wa Munyetiyopiya uti: “Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Ngira nshitse kuri iki gisagara ivyago navuze ko nzokizanako aho kukizanako ivyiza, kandi kuri uwo musi uzovyibonera.’”

17 “Ariko kuri uwo musi nzokurokora”, ni ko Yehova avuze. “Ntuzotangwa ku bagabo utinya.”

18 “Kuko nzogucira icanzo ata kabuza, ntiwicwe n’inkota. Uzokiza* ubuzima bwawe+ kuko wanyizigiye+”, ni ko Yehova avuze.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika