Yeremiya
39 Mu mwaka ugira icenda Zedekiya umwami w’Ubuyuda aganza, mu kwezi kugira cumi, Nebukadinezari* umwami wa Babiloni n’ingabo ziwe zose baza i Yeruzalemu, barahugariza+.
2 Mu mwaka ugira 11 Zedekiya aganza, mu kwezi kugira kane, ku musi ugira icenda w’ukwo kwezi, bamena uruzitiro rw’igisagara+. 3 Nuko abatware bose b’umwami wa Babiloni barinjira, bicara kw’irembo ryo hagati+. Hari Nerigali-Sharezeri Samugari, Nebo-Sarisekimu Rabusarisi*, Nerigali-Sharezeri Rabumagi* n’abandi batware bose b’umwami wa Babiloni.
4 Zedekiya umwami w’Ubuyuda n’abasoda bose barababona. Maze barahunga+ bava mu gisagara mw’ijoro, baca ahari umurima w’umwami, mw’irembo ryari hagati y’inzitiro zibiri. Barabandanya berekeza mu karere ka Araba+. 5 Mugabo ingabo z’Abakaludaya ziboma inyuma, zihambiriza Zedekiya mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko+. Maze baramufata bamudugana i Ribula+ mu gihugu ca Hamati+, bamushikiriza Nebukadinezari* umwami wa Babiloni, amucira urubanza ng’aho. 6 Umwami wa Babiloni yicisha abahungu ba Zedekiya aho i Ribula mu maso yiwe, yicisha n’abanyacubahiro bose bo mu Buyuda+. 7 Maze umwami afata Zedekiya amugira impumyi, hanyuma amubohesha amapingu y’umujumpu, amujana i Babiloni+.
8 Abakaludaya baturira inzu* y’umwami n’inzu zose z’abanyagihugu+, basiturira hasi n’inzitiro za Yeruzalemu+. 9 Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera umwami atwara mu bunyagano i Babiloni abantu bari basigaye mu gisagara, abari bataye bakomokera kuri we, n’abandi bose bari basigaye.
10 Mugabo Nebuzaradani umukuru w’abacungera umwami asigaza mu Buyuda bamwebamwe mu bantu nyarucari batari bafise ikintu na kimwe. Kuri uwo musi abaha n’imirima y’imizabibu n’amatongo yo kurima*+.
11 Ku bijanye na Yeremiya, Nebukadinezari* umwami wa Babiloni ategeka Nebuzaradani umukuru w’abacungera umwami ati: 12 «Mutore umwitwararike. Ntihagire ikibi umugirira, kandi umukorere ico agusaba cose+.»
13 Nuko Nebuzaradani umukuru w’abacungera umwami, Nebushazibani Rabusarisi*, Nerigali-Sharezeri Rabumagi* n’abantu bakurubakuru bose b’umwami wa Babiloni batuma abagabo 14 gukura Yeremiya mu kigo c’abarinzi+, maze bamushikiriza Gedaliya+ mwene Ahikamu+, Ahikamu mwene Shafani+, ngo amujane iwe. Gutyo asubira kuba mu bandi bantu.
15 Igihe Yeremiya yari apfungiwe mu kigo c’abarinzi+, Yehova yamubwiye ati: 16 «Genda ubwire Ebedi-Meleki+ wa Munyetiyopiya uti: “Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Ngira nshitse kuri iki gisagara ivyago navuze ko nzokizanako aho kukizanako ivyiza, kandi kuri uwo musi uzovyibonera.’”
17 “Ariko kuri uwo musi nzokurokora”, ni ko Yehova avuze. “Ntuzotangwa ku bagabo utinya.”
18 “Kuko nzogucira icanzo ata kabuza, ntiwicwe n’inkota. Uzokiza* ubuzima bwawe+ kuko wanyizigiye+”, ni ko Yehova avuze.»