Yeremiya
31 Yehova avuze ati: «Ico gihe imiryango yose ya Isirayeli nzoyibera Imana, na bo babe abantu banje+.»
2 Ibi ni vyo Yehova avuze:
«Abantu barokotse inkota baragiriwe ubuntu mu bugaragwa,
igihe Abisirayeli bariko baja ahantu habo ho kuruhukira.»
3 Yehova yarambonekeye ari kure, avuga ati:
«Nagukunze urukundo rw’ibihe bidahera.
Ni co catumye ndagukwegera iwanje nkoresheje urukundo rudahera*+.
4 Nzosubira kukwubaka, usubire wubakwe koko+.
5 Uzosubira gutera imirima y’imizabibu mu misozi y’i Samariya+.
Abarimyi bazoyitera barye ivyo yamye+.
6 Kuko umusi uri izina inderetsi zo mu misozi ya Efurayimu zizosemerera ziti:
“Nimuze tuduge i Siyoni, kwa Yehova Imana yacu+.”»
7 Kuko Yehova avuze ati:
«Nimusemerere mubwira Yakobo munezerewe.
Nimwihe akamo k’umunezero kubera muri aba mbere mu mahanga+.
Nimubitangaze. Nimushemeze Imana muvuge muti:
“Ewe Yehova, kiza abantu bawe, amasigarira ya Isirayeli+.”
8 Ngira ndabagarukane ndabakuye mu gihugu co mu buraruko+.
Nzobakoraniriza hamwe ndabakuye mu mihingo ya kure cane y’isi+.
Muri bo hazoba harimwo impumyi n’abacumbagira+,
abagore bibungenze n’abagira bibaruke, bose hamwe.
Bazogaruka ng’aha ari ishengero rinini+.
Nzobayobora, na bo bariko bantakambira.
Kuko ndi Se wa Isirayeli, Efurayimu akaba imfura yanje+.»
«Uwasanzaje Abisirayeli ni we azobakoraniriza hamwe.
Azobarinda nk’uko umwungere arinda ubusho bwiwe+.
12 Bazoza bihe akamo k’umunezero bari hejuru ku musozi Siyoni+,
bakayangane kubera ukumera neza* kwa Yehova,
kubera intete, umuvinyu mushasha+ n’amavuta,
no kubera imyagazi yo mu busho n’inyana z’inka+.
Ikigandaro cabo nzogihindura umwigino+.
Nzobahoza, ntume intuntu bafise isubirirwa n’umunezero+.
14 Abaherezi nzobaha ibifungurwa vyinshi*,
kandi abantu banje bazohazwa n’ukumera neza kwanje+», ni ko Yehova avuze.
15 «Yehova avuze ati:
“I Rama+ humvikana ijwi, ugucura intimba n’ukuboroga.
Ni Rasheli ariko aririra abahungu* biwe+.
Yanse guhozwa ku bijanye n’abahungu biwe,
kuko batakiriho+.”»
16 Yehova avuze ati:
«“Reka kurira, n’amaso yawe uyabuze gukorora amosozi,
kuko uzoronswa impera ku bw’igikorwa cawe”, ni ko Yehova avuze.
“Bazogaruka bavuye mu gihugu c’umwansi+.”
17 “Hari icizigiro ku bijanye na kazoza kawe+”, ni ko Yehova avuze.
“Abana bawe bazogaruka mu karere kabo+.”»
18 «Narumvise vy’ukuri Efurayimu yiganyira ati:
“Warankosoye, ndemera gukosorwa
nk’inyana itamenyerejwe.
Nungarure, nanje ndagaruka n’umutima ukunze,
kuko uri Yehova Imana yanje.
19 Kuko nicujije ivyo nakoze aho mariye kugaruka+.
Aho umariye kuntahuza, narikubise kw’itako kubera intuntu.
Naramaramaye, ndateterwa+,
kuko natewe isoni n’ivyo nakoze mu buto bwanje.”»
20 «Mbega Efurayimu si umwana wanje nkunda cane akampimbara+?
Kuko igihe cose ndamukosoye, nsubira nkamwibuka.
Ni co gituma ndamugirira ikigumbagumba*+.
Nzomwumvira koko akagongwe», ni ko Yehova avuze+.
21 «Niwishingire ibimenyetso vyo kw’ibarabara, ushireho ivyapa+.
Nushire umutima kw’ibarabara rikuru*, ibarabara ubwirizwa gucamwo+.
Garuka, mwigeme w’isugi wa Isirayeli,
garuka muri ibi bisagara vyawe.
22 Ewe mukobwa w’igihemu, uzogeza ryari kuzembagirika?
Kuko Yehova aremye ikintu gishasha mw’isi:
umugore azorondera umugabo hasi hejuru.»
23 Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: «Ninakoranya abantu babo bagizwe imbohe nkabagarukana, bazosubira kuvugira aya majambo mu gihugu c’Ubuyuda no mu bisagara vyaho bati: “Ewe hantu ho kuba hagororotse+, ewe musozi mweranda+, Yehova aguhezagire!” 24 Abo mu Buyuda no mu bisagara vyaho vyose, n’abarimyi be n’abayobora ubusho, bose hamwe ni yo bazoba+. 25 Kuko uwurushe nzomuha inkomezi, uwugoyagoya ndamuronse ivyo akeneye+.»
26 Nca ndikangura ndakanura. Agatiro kari karyoshe.
27 Yehova avuze ati: «Mu misi iri imbere, ihanga rya Isirayeli n’Ubuyuda nzobiteramwo imbuto* y’abantu n’iy’ibitungwa+.»
28 Yehova avuze ati: «Nk’uko nabagumijeko ijisho kugira ngo ndabarandure, ndabasiturire hasi, ndabasambure nongere ndabagirire nabi+, ni ko nzobagumizako ijisho kugira ngo ndabubake nongere ndabateragire+. 29 Muri iyo misi, ntibazokwongera kuvuga ngo: “Ba sebibondo barariye inzabibu zidahiye, mugabo amenyo y’abana aba ari yo ajiginyurwa*+.” 30 Ahubwo ico gihe, umwe wese azopfa kubera ikosa ryiwe bwite. Uwuzorya inzabibu zidahiye, amenyo yiwe ni yo azojiginyurwa.»
31 Yehova avuze ati: «Mu misi iri imbere, nzogirana isezerano rishasha+ n’Abisirayeli be n’abo mu Buyuda. 32 Ntirizoba rimeze nka rya sezerano nagirana na ba sekuruza ku musi nabafata ukuboko nkabakura mu gihugu ca Misiri+. “Iryo sezerano ryanje bararirenze+, naho nari shebuja wabo w’ukuri*”, ni ko Yehova avuze.»
33 «Kuko iri ari ryo sezerano nzogirana n’Abisirayeli inyuma y’iyo misi», ni ko Yehova avuze. «Nzoshira itegeko ryanje muri bo+, ndaryandike mu mutima wabo+. Nzoba Imana yabo, na bo babe abantu banje+.»
34 «Nta wuzosubira kwigisha mugenziwe canke mwenewabo, ababwira ngo: “Nimumenye Yehova+!”, kuko bose bazomenya kuva ku muto muri bo gushika ku mukuru+», ni ko Yehova avuze. «Nzobabarira ikosa ryabo, kandi igicumuro cabo sinzosubira kucibuka+.»
35 Yehova, umwe atanga izuba ngo riboneshe ku murango,
agatanga n’amategeko* aganza ukwezi n’inyenyeri ngo biboneshe mw’ijoro,
akavyura ikiyaga agatuma imipfunda yaco isebagirika,
umwe yitwa Yehova Nyeningabo+,
avuze ati:
36 «“Ayo mategeko aramutse avuyeho,
ni ho n’uruvyaro rwa Isirayeli rworeka kuba ihanga imbere yanje ibihe vyose+”, ni ko Yehova avuze.»
37 Ibi ni vyo Yehova avuze: «“Nimba ijuru iyo riri hejuru ryoshobora gupimwa, n’imishinge y’isi hasi igasuzumwa, nanje rero noshobora guta uruvyaro rwa Isirayeli rwose kubera ivyo bakoze vyose”, ni ko Yehova avuze+.»
38 «Ehe raba! Mu misi iri imbere, Yehova azokwubakirwa igisagara+ kuva ku munara wa Hananeli+ gushika kw’irembo ryo mu mfuruka+», ni ko Yehova avuze. 39 «Umugozi wo gupimisha+ uzogenda utumbereye gushika ku murambi wa Garebu, hanyuma ukate uja i Gowa. 40 Ikiyaya cose batereramwo imivyimba n’iminyota*, n’imikobeko yose gushika ku mwonga Kidironi+, kubandanya gushika ku mfuruka y’irembo ry’amafarasi+ amaja mu buseruko, hazoba ahantu heranda ha Yehova+. Ntihazokwigera hasubira kurandurwa canke gusamburwa.»