ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 31
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yeremiya: ibirimwo

      • Amasigarira y’Abisirayeli azogaruka mu gihugu (1-30)

        • Rasheli ariko aririra abana biwe (15)

      • Isezerano rishasha (31-40)

Yeremiya 31:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:12; Yr 30:22; 31:33

Yeremiya 31:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mbandanya kukwereka urukundo rudahemuka (rudahera).»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 7:8

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Yeremiya, rup. 143-144

Yeremiya 31:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ugende uratamba intambo y’abatwenga.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 33:7; Am 9:11
  • +Yr 30:18, 19

Yeremiya 31:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Am 9:14; Mik 4:4
  • +Gus 30:9; Yes 65:21, 22

Yeremiya 31:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 2:3; Yr 50:4, 5

Yeremiya 31:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 32:43; Yes 44:23
  • +Yes 1:9; Yr 23:3; Yw 2:32

Yeremiya 31:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 43:6; Yr 3:12
  • +Gus 30:4; Ezk 20:34; 34:12
  • +Yes 35:6; 42:16
  • +Ezr 2:1, 64

Yeremiya 31:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ku myonga.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 50:4
  • +Yes 35:7; 49:10
  • +It 48:14; Kv 4:22

Yeremiya 31:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 11:11; 42:10
  • +Yes 40:11; Ezk 34:11-13; Mik 2:12

Yeremiya 31:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «akamuhabuza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 44:23; 48:20
  • +Yes 49:25

Yeremiya 31:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ivyiza biva.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezr 3:13; Zb 126:1; Yes 51:11
  • +Yw 3:18
  • +Yes 65:10
  • +Yes 58:11
  • +Yes 35:10

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwiyegereze, rup. 278-279

Yeremiya 31:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zk 8:4
  • +Ezr 3:12
  • +Yes 51:3; 65:19

Yeremiya 31:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ibinure.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 30:9; Yes 63:7

Yeremiya 31:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abana.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 18:21, 25; Yr 40:1
  • +Int 1:16
  • +Mt 2:16-18

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Yezu ni inzira, rup. 24

    Umunara w’Inderetsi,

    15/12/2014, rup. 21

    15/8/2011, rup. 10

    Yeremiya, rup. 162-163

Yeremiya 31:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezr 1:5; Yr 23:3; Ezk 11:17; Hs 1:11

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/12/2014, rup. 21

Yeremiya 31:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 29:11
  • +Yr 46:27

Yeremiya 31:18

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/4/2012, rup. 10-11

Yeremiya 31:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 30:1-3
  • +Ezr 9:6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/4/2012, rup. 11

Yeremiya 31:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «amara yanje asebagirika ku bwiwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 31:9; Hs 14:4
  • +Hs 11:8
  • +Gus 32:36; Mik 7:18

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/4/2012, rup. 11

    Yeremiya, rup. 180-181

Yeremiya 31:21

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ryagutse.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 62:10
  • +Yes 35:8

Yeremiya 31:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 1:26
  • +Zk 8:3

Yeremiya 31:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 33:12; Ezk 36:10, 11

Yeremiya 31:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 107:9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Yeremiya, rup. 81-82

Yeremiya 31:27

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «uruvyaro.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 30:9; Ezk 36:9; Hs 2:23

Yeremiya 31:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 44:27; 45:4
  • +Zb 102:16; 147:2; Yr 24:6

Yeremiya 31:29

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «asigara adakarishe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 18:2-4

Yeremiya 31:31

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 26:27, 28; Lk 22:20; 1Kr 11:25; Heb 8:8-12

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/3/2010, rup. 26-27

    1/2/1998, rup. 22-23

    Yeremiya, rup. 169-170

Yeremiya 31:32

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «nari umugabo wabo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 19:5
  • +Ezk 16:59

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Yeremiya, rup. 169-170

    Umunara w’Inderetsi,

    1/2/1998, rup. 22-23

Yeremiya 31:33

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 11:19
  • +Heb 10:16
  • +Yr 24:7; 30:22

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Yeremiya, rup. 173-175, 178-180

    Umunara w’Inderetsi,

    15/3/2007, rup. 11

    1/4/1998, rup. 10-11

    1/2/1998, rup. 25, 29

Yeremiya 31:34

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 54:13; Yoh 17:3
  • +Yes 11:9; Hab 2:14
  • +Yr 33:8; 50:20; Mt 26:27, 28; Heb 8:10-12; 9:15; 10:17

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwiyegereze, rup. 265-267

    Umunara w’Inderetsi,

    15/8/2012, rup. 30

    1/2/1998, rup. 25-26, 29

    1/12/1997, rup. 22-23

    Yeremiya, rup. 170-173, 177-181

Yeremiya 31:35

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ivyagezwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 51:15

Yeremiya 31:36

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 54:10; Yr 33:20, 21

Yeremiya 31:37

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 30:11

Yeremiya 31:38

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Neh 12:27; Yes 44:28; Yr 30:18
  • +Neh 3:1; Zk 14:10
  • +2Ng 26:9

Yeremiya 31:39

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zk 1:16

Yeremiya 31:40

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «iminyota inuze.» Yari iminyota ivanze n’ibinure vy’ibimazi.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 15:23; 2Bm 23:6; Yoh 18:1
  • +Neh 3:28
  • +Yw 3:17

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yer. 31:1Lw 26:12; Yr 30:22; 31:33
Yer. 31:3Gus 7:8
Yer. 31:4Yr 33:7; Am 9:11
Yer. 31:4Yr 30:18, 19
Yer. 31:5Am 9:14; Mik 4:4
Yer. 31:5Gus 30:9; Yes 65:21, 22
Yer. 31:6Yes 2:3; Yr 50:4, 5
Yer. 31:7Gus 32:43; Yes 44:23
Yer. 31:7Yes 1:9; Yr 23:3; Yw 2:32
Yer. 31:8Yes 43:6; Yr 3:12
Yer. 31:8Gus 30:4; Ezk 20:34; 34:12
Yer. 31:8Yes 35:6; 42:16
Yer. 31:8Ezr 2:1, 64
Yer. 31:9Yr 50:4
Yer. 31:9Yes 35:7; 49:10
Yer. 31:9It 48:14; Kv 4:22
Yer. 31:10Yes 11:11; 42:10
Yer. 31:10Yes 40:11; Ezk 34:11-13; Mik 2:12
Yer. 31:11Yes 44:23; 48:20
Yer. 31:11Yes 49:25
Yer. 31:12Ezr 3:13; Zb 126:1; Yes 51:11
Yer. 31:12Yw 3:18
Yer. 31:12Yes 65:10
Yer. 31:12Yes 58:11
Yer. 31:12Yes 35:10
Yer. 31:13Zk 8:4
Yer. 31:13Ezr 3:12
Yer. 31:13Yes 51:3; 65:19
Yer. 31:14Gus 30:9; Yes 63:7
Yer. 31:15Yos 18:21, 25; Yr 40:1
Yer. 31:15Int 1:16
Yer. 31:15Mt 2:16-18
Yer. 31:16Ezr 1:5; Yr 23:3; Ezk 11:17; Hs 1:11
Yer. 31:17Yr 29:11
Yer. 31:17Yr 46:27
Yer. 31:19Gus 30:1-3
Yer. 31:19Ezr 9:6
Yer. 31:20Yr 31:9; Hs 14:4
Yer. 31:20Hs 11:8
Yer. 31:20Gus 32:36; Mik 7:18
Yer. 31:21Yes 62:10
Yer. 31:21Yes 35:8
Yer. 31:23Yes 1:26
Yer. 31:23Zk 8:3
Yer. 31:24Yr 33:12; Ezk 36:10, 11
Yer. 31:25Zb 107:9
Yer. 31:27Gus 30:9; Ezk 36:9; Hs 2:23
Yer. 31:28Yr 44:27; 45:4
Yer. 31:28Zb 102:16; 147:2; Yr 24:6
Yer. 31:29Ezk 18:2-4
Yer. 31:31Mt 26:27, 28; Lk 22:20; 1Kr 11:25; Heb 8:8-12
Yer. 31:32Kv 19:5
Yer. 31:32Ezk 16:59
Yer. 31:33Ezk 11:19
Yer. 31:33Heb 10:16
Yer. 31:33Yr 24:7; 30:22
Yer. 31:34Yes 54:13; Yoh 17:3
Yer. 31:34Yes 11:9; Hab 2:14
Yer. 31:34Yr 33:8; 50:20; Mt 26:27, 28; Heb 8:10-12; 9:15; 10:17
Yer. 31:35Yes 51:15
Yer. 31:36Yes 54:10; Yr 33:20, 21
Yer. 31:37Yr 30:11
Yer. 31:382Ng 26:9
Yer. 31:38Neh 12:27; Yes 44:28; Yr 30:18
Yer. 31:38Neh 3:1; Zk 14:10
Yer. 31:39Zk 1:16
Yer. 31:402Sm 15:23; 2Bm 23:6; Yoh 18:1
Yer. 31:40Neh 3:28
Yer. 31:40Yw 3:17
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
  • 35
  • 36
  • 37
  • 38
  • 39
  • 40
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yeremiya 31:1-40

Yeremiya

31 Yehova avuze ati: «Ico gihe imiryango yose ya Isirayeli nzoyibera Imana, na bo babe abantu banje+.»

 2 Ibi ni vyo Yehova avuze:

«Abantu barokotse inkota baragiriwe ubuntu mu bugaragwa,

igihe Abisirayeli bariko baja ahantu habo ho kuruhukira.»

 3 Yehova yarambonekeye ari kure, avuga ati:

«Nagukunze urukundo rw’ibihe bidahera.

Ni co catumye ndagukwegera iwanje nkoresheje urukundo rudahera*+.

 4 Nzosubira kukwubaka, usubire wubakwe koko+.

Ewe mwigeme w’isugi wa Isirayeli, uzosubira gutora utugoma twawe,

ugende uratamba uryohewe*+.

 5 Uzosubira gutera imirima y’imizabibu mu misozi y’i Samariya+.

Abarimyi bazoyitera barye ivyo yamye+.

 6 Kuko umusi uri izina inderetsi zo mu misozi ya Efurayimu zizosemerera ziti:

“Nimuze tuduge i Siyoni, kwa Yehova Imana yacu+.”»

 7 Kuko Yehova avuze ati:

«Nimusemerere mubwira Yakobo munezerewe.

Nimwihe akamo k’umunezero kubera muri aba mbere mu mahanga+.

Nimubitangaze. Nimushemeze Imana muvuge muti:

“Ewe Yehova, kiza abantu bawe, amasigarira ya Isirayeli+.”

 8 Ngira ndabagarukane ndabakuye mu gihugu co mu buraruko+.

Nzobakoraniriza hamwe ndabakuye mu mihingo ya kure cane y’isi+.

Muri bo hazoba harimwo impumyi n’abacumbagira+,

abagore bibungenze n’abagira bibaruke, bose hamwe.

Bazogaruka ng’aha ari ishengero rinini+.

 9 Bazoza barira+.

Nzobayobora, na bo bariko bantakambira.

Nzobajana ku migezi* y’amazi+,

ndabacishije mu nzira iringaniye batazotsitaramwo.

Kuko ndi Se wa Isirayeli, Efurayimu akaba imfura yanje+.»

10 Nimwumve ijambo rya Yehova, mwa mahanga,

mubitangaze mu mazinga ya kure+ muti:

«Uwasanzaje Abisirayeli ni we azobakoraniriza hamwe.

Azobarinda nk’uko umwungere arinda ubusho bwiwe+.

11 Kuko Yehova azocungura Yakobo+,

akamukiza* uwumurusha inkomezi+.

12 Bazoza bihe akamo k’umunezero bari hejuru ku musozi Siyoni+,

bakayangane kubera ukumera neza* kwa Yehova,

kubera intete, umuvinyu mushasha+ n’amavuta,

no kubera imyagazi yo mu busho n’inyana z’inka+.

Bazoba nk’umurima uvomerewe neza+,

kandi ntibazokwigera basubira kuba goyigoyi+.»

13 «Ico gihe umwigeme w’isugi azotamba anezerewe,

hamwe n’imisore n’abatama+.

Ikigandaro cabo nzogihindura umwigino+.

Nzobahoza, ntume intuntu bafise isubirirwa n’umunezero+.

14 Abaherezi nzobaha ibifungurwa vyinshi*,

kandi abantu banje bazohazwa n’ukumera neza kwanje+», ni ko Yehova avuze.

15 «Yehova avuze ati:

“I Rama+ humvikana ijwi, ugucura intimba n’ukuboroga.

Ni Rasheli ariko aririra abahungu* biwe+.

Yanse guhozwa ku bijanye n’abahungu biwe,

kuko batakiriho+.”»

16 Yehova avuze ati:

«“Reka kurira, n’amaso yawe uyabuze gukorora amosozi,

kuko uzoronswa impera ku bw’igikorwa cawe”, ni ko Yehova avuze.

“Bazogaruka bavuye mu gihugu c’umwansi+.”

17 “Hari icizigiro ku bijanye na kazoza kawe+”, ni ko Yehova avuze.

“Abana bawe bazogaruka mu karere kabo+.”»

18 «Narumvise vy’ukuri Efurayimu yiganyira ati:

“Warankosoye, ndemera gukosorwa

nk’inyana itamenyerejwe.

Nungarure, nanje ndagaruka n’umutima ukunze,

kuko uri Yehova Imana yanje.

19 Kuko nicujije ivyo nakoze aho mariye kugaruka+.

Aho umariye kuntahuza, narikubise kw’itako kubera intuntu.

Naramaramaye, ndateterwa+,

kuko natewe isoni n’ivyo nakoze mu buto bwanje.”»

20 «Mbega Efurayimu si umwana wanje nkunda cane akampimbara+?

Kuko igihe cose ndamukosoye, nsubira nkamwibuka.

Ni co gituma ndamugirira ikigumbagumba*+.

Nzomwumvira koko akagongwe», ni ko Yehova avuze+.

21 «Niwishingire ibimenyetso vyo kw’ibarabara, ushireho ivyapa+.

Nushire umutima kw’ibarabara rikuru*, ibarabara ubwirizwa gucamwo+.

Garuka, mwigeme w’isugi wa Isirayeli,

garuka muri ibi bisagara vyawe.

22 Ewe mukobwa w’igihemu, uzogeza ryari kuzembagirika?

Kuko Yehova aremye ikintu gishasha mw’isi:

umugore azorondera umugabo hasi hejuru.»

23 Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: «Ninakoranya abantu babo bagizwe imbohe nkabagarukana, bazosubira kuvugira aya majambo mu gihugu c’Ubuyuda no mu bisagara vyaho bati: “Ewe hantu ho kuba hagororotse+, ewe musozi mweranda+, Yehova aguhezagire!” 24 Abo mu Buyuda no mu bisagara vyaho vyose, n’abarimyi be n’abayobora ubusho, bose hamwe ni yo bazoba+. 25 Kuko uwurushe nzomuha inkomezi, uwugoyagoya ndamuronse ivyo akeneye+.»

26 Nca ndikangura ndakanura. Agatiro kari karyoshe.

27 Yehova avuze ati: «Mu misi iri imbere, ihanga rya Isirayeli n’Ubuyuda nzobiteramwo imbuto* y’abantu n’iy’ibitungwa+.»

28 Yehova avuze ati: «Nk’uko nabagumijeko ijisho kugira ngo ndabarandure, ndabasiturire hasi, ndabasambure nongere ndabagirire nabi+, ni ko nzobagumizako ijisho kugira ngo ndabubake nongere ndabateragire+. 29 Muri iyo misi, ntibazokwongera kuvuga ngo: “Ba sebibondo barariye inzabibu zidahiye, mugabo amenyo y’abana aba ari yo ajiginyurwa*+.” 30 Ahubwo ico gihe, umwe wese azopfa kubera ikosa ryiwe bwite. Uwuzorya inzabibu zidahiye, amenyo yiwe ni yo azojiginyurwa.»

31 Yehova avuze ati: «Mu misi iri imbere, nzogirana isezerano rishasha+ n’Abisirayeli be n’abo mu Buyuda. 32 Ntirizoba rimeze nka rya sezerano nagirana na ba sekuruza ku musi nabafata ukuboko nkabakura mu gihugu ca Misiri+. “Iryo sezerano ryanje bararirenze+, naho nari shebuja wabo w’ukuri*”, ni ko Yehova avuze.»

33 «Kuko iri ari ryo sezerano nzogirana n’Abisirayeli inyuma y’iyo misi», ni ko Yehova avuze. «Nzoshira itegeko ryanje muri bo+, ndaryandike mu mutima wabo+. Nzoba Imana yabo, na bo babe abantu banje+.»

34 «Nta wuzosubira kwigisha mugenziwe canke mwenewabo, ababwira ngo: “Nimumenye Yehova+!”, kuko bose bazomenya kuva ku muto muri bo gushika ku mukuru+», ni ko Yehova avuze. «Nzobabarira ikosa ryabo, kandi igicumuro cabo sinzosubira kucibuka+.»

35 Yehova, umwe atanga izuba ngo riboneshe ku murango,

agatanga n’amategeko* aganza ukwezi n’inyenyeri ngo biboneshe mw’ijo⁠ro,

akavyura ikiyaga agatuma imipfunda yaco isebagirika,

umwe yitwa Yehova Nyeningabo+,

avuze ati:

36 «“Ayo mategeko aramutse avuyeho,

ni ho n’uruvyaro rwa Isirayeli rworeka kuba ihanga imbere yanje ibihe vyose+”, ni ko Yehova avuze.»

37 Ibi ni vyo Yehova avuze: «“Nimba ijuru iyo riri hejuru ryoshobora gupimwa, n’imishinge y’isi hasi igasuzumwa, nanje rero noshobora guta uruvyaro rwa Isirayeli rwose kubera ivyo bakoze vyose”, ni ko Yehova avuze+.»

38 «Ehe raba! Mu misi iri imbere, Yehova azokwubakirwa igisagara+ kuva ku munara wa Hananeli+ gushika kw’irembo ryo mu mfuruka+», ni ko Yehova avuze. 39 «Umugozi wo gupimisha+ uzogenda utumbereye gushika ku murambi wa Garebu, hanyuma ukate uja i Gowa. 40 Ikiyaya cose batereramwo imivyimba n’iminyota*, n’imikobeko yose gushika ku mwonga Kidironi+, kubandanya gushika ku mfuruka y’irembo ry’amafarasi+ amaja mu buseruko, hazoba ahantu heranda ha Yehova+. Ntihazokwigera hasubira kurandurwa canke gusamburwa.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika