Yesaya
56 Yehova avuze ati:
«Nimukurikize ubutungane+, mukore ibigororotse,
kuko ubukiriro bwanje bugira bushike,
n’ubugororotsi bwanje bukaba bugira buhishurwe+.
2 Hahiriwe umuntu akora ivyo,
n’umwana w’umuntu avyumirako,
akubahiriza isabato ntayihumanye+,
akarinda ukuboko kwiwe ngo ntigukore ikibi na kimwe.
3 Umunyamahanga yifatanije na Yehova+ ntakwiye kuvuga ngo:
“Yehova ntazobura kuntandukanya n’abantu biwe.”
N’inkone ntikwiye kuvuga ngo: “Erega ndi igiti cumye.”»
4 Ku bijanye n’inkone zubahiriza amasabato yanje, zigahitamwo ibimpimbara kandi zikumira kw’isezerano ryanje, jewe Yehova mvuze nti:
5 «Nzoziha icibutso n’izina mu nzu yanje no mu bigo vyanje,
ikintu ciza kuruta kugira abahungu n’abakobwa.
Nzoziha izina ryamaho,
izina ritazovaho.
6 Nayo abanyamahanga bifatanije na jewe Yehova kugira bankorere,
bakunde izina ryanje, jewe Yehova+,
bongere babe abasavyi banje,
emwe, abo bose bubahiriza isabato ntibayihumanye,
bakumira kw’isezerano ryanje,
7 na bo nyene nzobazana ku musozi wanje mweranda+,
ndabanezereze mu nzu yanje yo gusengeramwo.
Amashikanwa yabo aturirwa uko yakabaye be n’ibimazi vyabo, bizokwemerwa ku gicaniro canje,
kuko inzu yanje izokwitwa inzu isengerwamwo n’amahanga yose+.»
8 Umukama Segaba Yehova, umwe ariko akoraniriza hamwe abashwiragiye ba Isirayeli+, avuze ati:
«Nzokoraniriza kuri we abandi uretse abari bamaze gukoranywa+.»
10 Inderetsi ziwe ni impumyi+, nta n’umwe muri bo yagize ico yitaho+.
Bose ni imbwa z’ibiragi, zidashobora gukuga+.
Barahezagirika, bakiryamira. Bakunda kwisinzirirako.
11 Ni imbwa z’ameru akaze.
Ntibigera bahaga.
Ni abungere badategera+.
Bose bajanye inzira yabo bwite.
Umwe wese yironderera inyungu mbi, akavuga ati:
N’ejo hazoba ari heza nk’uno musi, mbere harushirize.»