Yeremiya
21 Ibi ni vyo Yehova yabwiye Yeremiya, igihe umwami Zedekiya+ yamutumako Pashuri+ mwene Malikiya na Zefaniya+ mwene Mayaseya, umuherezi, ngo bamusabe iki kintu: 2 «Turakwinginze utubarize Yehova kuko Nebukadinezari* umwami wa Babiloni aduteye+. Hari aho Yehova yodukorera igitangaza, uwo mwami akatuviraho+.»
3 Yeremiya ababwira ati: «Genda mubwire Zedekiya muti: 4 “Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: ‘Ngira ndabahindukirizeko ibirwanisho mufise, muriko murarwanisha umwami wa Babiloni+ n’Abakaludaya bari inyuma y’uruzitiro babugarije. Nzobakoraniriza hagati muri iki gisagara. 5 Mwebwe nzobarwanya jewe ubwanje+ nkoresheje ukuboko kw’ububasha* kandi gukomeye. Nzobigira nshavuye, naratse kandi nshangashiwe+. 6 Nzokwica ababa muri iki gisagara, abantu n’ibikoko, bicwe n’ikiza* gikomeye+.’”
7 “‘Kandi inyuma y’ivyo’, ni ko Yehova avuze, ‘Zedekiya umwami w’Ubuyuda n’abasuku biwe n’abantu bo muri iki gisagara, ni ukuvuga abo bose bazoba barokotse ikiza, inkota n’inzara, nzoreka batsindwe na Nebukadinezari* umwami wa Babiloni, abansi babo n’abarondera kubica+. Azobicisha inkota. Ntazobumvira akagongwe canke ngo abagirire impuhwe canke imbabazi+.’”
8 Abo bantu na bo uze ubabwire uti: “Yehova avuze ati: ‘Ehe nshize imbere yanyu inzira y’ubuzima n’inzira y’urupfu. 9 Abazoguma muri iki gisagara bazokwicwa n’inkota, inzara n’ikiza. Mugabo uwo wese azogenda akishikana ku Bakaludaya babugarije, azobaho, akize* ubuzima bwiwe+.’”
10 “‘Kuko niyemeje kuzana ivyago kuri iki gisagara* aho kukizanako ivyiza+’, ni ko Yehova avuze. ‘Kizoneshwa n’umwami wa Babiloni+, kandi azogiturira+.’
11 Mwebwe abo mu rugo rw’umwami w’Ubuyuda, nimwumve ivyo Yehova avuze. 12 Yemwe abo mu muryango wa Dawidi, Yehova avuze ati:
‘Nimukurikize ubutungane buri musi,
uwamburwa mumukize uwumwambura*+.
Ahandiho uburake bwanje buzorurumba nk’umuriro+,
bwake habure uwo kubuzimya
kubera ibikorwa vyanyu bibi+.’”
13 “Yemwe ababa mu kiyaya, ewe gitandara co mu karere gashashe,
ngira ndabatere”, ni ko Yehova avuze.
“Nayo mwebwe muvuga ngo: ‘Ni nde azomanuka kudutera?
Ni nde azoza aho tuba ngo aturwanye?’
“Kandi nzokwatsa umuriro mu kibira canyu,
uturire ibintu vyose biri irya n’ino yanyu bitokombere+.”»