ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 21
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yeremiya: ibirimwo

      • Yehova yanka ivyo Zedekiya amusavye (1-7)

      • Guhitamwo ubuzima canke urupfu (8-14)

Yeremiya 21:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 24:18; 1Ng 3:15; 2Ng 36:9, 10
  • +Yr 38:1
  • +Yr 29:25; 37:3; 52:24, 27

Yeremiya 21:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:1; Yr 32:28; 39:1
  • +1Sm 7:10; 2Ng 14:11; Yes 37:36, 37

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Yeremiya, rup. 55-56

Yeremiya 21:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 32:5

Yeremiya 21:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «kuramvuye.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 63:10; Int 2:5
  • +Yes 5:25

Yeremiya 21:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «indwara.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:21, 22; Ezk 7:15

Yeremiya 21:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:6, 7; Yr 37:17; 39:5-7; 52:9-11; Ezk 17:20
  • +Gus 28:49, 50; 2Ng 36:17

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Yeremiya, rup. 158-159

Yeremiya 21:8

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/3/2007, rup. 11

Yeremiya 21:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «asahure.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 27:12, 13; 38:2, 17

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/2002, rup. 15-16

Yeremiya 21:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «kuko ndabishije mu maso hanje kuri iki gisagara kugira ndagiteze ivyago.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 44:11
  • +Yr 38:3
  • +2Ng 36:17, 19; Yr 17:27; 34:2; 37:10; 39:8

Yeremiya 21:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «uwumuzuruma.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 1:17; Yr 22:3; Ezk 22:29; Mik 2:2
  • +Gus 32:22; Yes 1:31; Yr 7:20
  • +Yr 7:5-7

Yeremiya 21:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 5:9; 9:9
  • +2Ng 36:17, 19; Yr 52:12, 13

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yer. 21:12Bm 24:18; 1Ng 3:15; 2Ng 36:9, 10
Yer. 21:1Yr 38:1
Yer. 21:1Yr 29:25; 37:3; 52:24, 27
Yer. 21:22Bm 25:1; Yr 32:28; 39:1
Yer. 21:21Sm 7:10; 2Ng 14:11; Yes 37:36, 37
Yer. 21:4Yr 32:5
Yer. 21:5Yes 63:10; Int 2:5
Yer. 21:5Yes 5:25
Yer. 21:6Gus 28:21, 22; Ezk 7:15
Yer. 21:72Bm 25:6, 7; Yr 37:17; 39:5-7; 52:9-11; Ezk 17:20
Yer. 21:7Gus 28:49, 50; 2Ng 36:17
Yer. 21:9Yr 27:12, 13; 38:2, 17
Yer. 21:10Yr 44:11
Yer. 21:10Yr 38:3
Yer. 21:102Ng 36:17, 19; Yr 17:27; 34:2; 37:10; 39:8
Yer. 21:12Yes 1:17; Yr 22:3; Ezk 22:29; Mik 2:2
Yer. 21:12Gus 32:22; Yes 1:31; Yr 7:20
Yer. 21:12Yr 7:5-7
Yer. 21:14Yr 5:9; 9:9
Yer. 21:142Ng 36:17, 19; Yr 52:12, 13
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yeremiya 21:1-14

Yeremiya

21 Ibi ni vyo Yehova yabwiye Yeremiya, igihe umwami Zedekiya+ yamutumako Pashuri+ mwene Malikiya na Zefaniya+ mwene Mayaseya, umuherezi, ngo bamusabe iki kintu: 2 «Turakwinginze utubarize Yehova kuko Nebukadinezari* umwami wa Babiloni aduteye+. Hari aho Yehova yodukorera igitangaza, uwo mwami akatuviraho+.»

3 Yeremiya ababwira ati: «Genda mubwire Zedekiya muti: 4 “Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: ‘Ngira ndabahindukirizeko ibirwanisho mufise, muriko murarwanisha umwami wa Babiloni+ n’Abakaludaya bari inyuma y’uruzitiro babugarije. Nzobakoraniriza hagati muri iki gisagara. 5 Mwebwe nzobarwanya jewe ubwanje+ nkoresheje ukuboko kw’ububasha* kandi gukomeye. Nzobigira nshavuye, naratse kandi nshangashiwe+. 6 Nzokwica ababa muri iki gisagara, abantu n’ibikoko, bicwe n’ikiza* gikomeye+.’”

7 “‘Kandi inyuma y’ivyo’, ni ko Yehova avuze, ‘Zedekiya umwami w’Ubuyuda n’abasuku biwe n’abantu bo muri iki gisagara, ni ukuvuga abo bose bazoba barokotse ikiza, inkota n’inzara, nzoreka batsindwe na Nebukadinezari* umwami wa Babiloni, abansi babo n’abarondera kubica+. Azobicisha inkota. Ntazobumvira akagongwe canke ngo abagirire impuhwe canke imbabazi+.’”

8 Abo bantu na bo uze ubabwire uti: “Yehova avuze ati: ‘Ehe nshize imbere yanyu inzira y’ubuzima n’inzira y’urupfu. 9 Abazoguma muri iki gisagara bazokwicwa n’inkota, inzara n’ikiza. Mugabo uwo wese azogenda akishikana ku Bakaludaya babugarije, azobaho, akize* ubuzima bwiwe+.’”

10 “‘Kuko niyemeje kuzana ivyago kuri iki gisagara* aho kukizanako ivyiza+’, ni ko Yehova avuze. ‘Kizoneshwa n’umwami wa Babiloni+, kandi azogiturira+.’

11 Mwebwe abo mu rugo rw’umwami w’Ubuyuda, nimwumve ivyo Yehova avuze. 12 Yemwe abo mu muryango wa Dawidi, Yehova avuze ati:

‘Nimukurikize ubutungane buri musi,

uwamburwa mumukize uwumwambura*+.

Ahandiho uburake bwanje buzorurumba nk’umuriro+,

bwake habure uwo kubuzimya

kubera ibikorwa vyanyu bibi+.’”

13 “Yemwe ababa mu kiyaya, ewe gitandara co mu karere gashashe,

ngira ndabatere”, ni ko Yehova avuze.

“Nayo mwebwe muvuga ngo: ‘Ni nde azomanuka kudutera?

Ni nde azoza aho tuba ngo aturwanye?’

14 Nzobahana nisunze ibikorwa vyanyu+”,

ni ko Yehova avuze.

“Kandi nzokwatsa umuriro mu kibira canyu,

uturire ibintu vyose biri irya n’ino yanyu bitokombere+.”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika