Yeremiya
7 Yehova yabwiye Yeremiya ati: 2 «Hagarara mw’irembo ry’inzu ya Yehova, uhatangarize ubu butumwa, uti: “Nimwumve ijambo rya Yehova, mwebwe mwese abo mu Buyuda muca muri aya marembo, mugiye kwunamira Yehova. 3 Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Nimuhindure ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, nanje nzobareka mugume muba aha hantu+. 4 Ntimwizigire amajambo y’ububeshi ngo muvuge muti: “Uru* ni urusengero rwa Yehova, urusengero rwa Yehova, urusengero rwa Yehova+!” 5 Kuko nimwahindura vy’ukuri ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, mugakurikiza vy’ukuri ubutungane hagati y’umuntu na mugenziwe+, 6 ntimucinyize abanyamahanga, impfuvyi* n’abapfakazi+, ntimusese amaraso y’intungane aha hantu, kandi ntimukurikire izindi mana ngo mwikwegere ivyago+, 7 nanje nzobareka mugume muba aha hantu, mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu ngo bakibemwo ibihe vyose*.’”»
8 «Mugabo mwizigira amajambo y’ububeshi+. Ivyo nta na kimwe bizobamarira. 9 Mbega mwokwiba+, mukica, mukarenga ibigo, mukarahira ibinyoma+, mugashikanira ibimazi* Bayali+ kandi mugakurikira imana mutamenye, 10 hanyuma mukaza mugahagarara imbere yanje muri iyi nzu yitirirwa izina ryanje, mukavuga muti: “Tuzorokorwa”, kandi mukora ivyo bintu vyose bishisha? 11 Mbega iyi nzu yitirirwa izina ryanje musigaye mubona ko ari isenga ry’abambuzi+? Erega naravyiboneye», ni ko Yehova avuze.
12 «“Enda nimugende ha hantu hanje i Shilo+, ahantu natanguye kwitirira izina ryanje+, murabe ivyo nahagiriye kubera ibibi vy’abantu banje b’Abisirayeli+. 13 Mugabo mwagumye mukora ivyo bintu vyose”, ni ko Yehova avuze. “Naho navuganye namwe incuro n’izindi*, ntimwumvirije+. Nagumye ndabahamagara, mugabo ntimwitabe+. 14 Ku bw’ivyo rero, kurya nagiriye Shilo ni ko nzogirira iyi nzu mwizigira+ yitirirwa izina ryanje+ be n’aha hantu nabahaye mwe na ba sogokuruza banyu+. 15 Kandi nzobashibura mumve mu maso, nk’uko nashibuye benewanyu bose, abakomoka kuri Efurayimu bose+.”
16 Ariko weho, ntusengere aba bantu. Ntundirire canke ngo unsenge canke ngo untakambire ku bwabo+ kuko ntaza kukwumviriza+. 17 Mbega ntubona ivyo bakora mu bisagara vy’Ubuyuda no mu mabarabara y’i Yeruzalemu? 18 Abana barasenya inkwi, ba se bagacana umuriro, abagore na bo bagakora igikandu kugira ngo bakore udukate two gushikanira umwamikazi w’ijuru*+. Basukira amashikanwa y’ibinyobwa izindi mana kugira ngo bambabaze+. 19 “Ugira ngo ni jewe bagirira nabi*?”, ni ko Yehova avuze. “Mbega si bo bigirira nabi, bimaramaza+?” 20 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Ishavu ryanje n’uburake bwanje nzobisuka aha hantu+, ku muntu no ku gikoko, ku biti vyo mw’ishamba no ku vyimburwa vy’isi. Ishavu ryanje rizokwaka nk’umuriro kandi ntirizozima+.”
21 Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Fata ayo mashikanwa yanyu aturirwa uko yakabaye, muyongere ku bindi bimazi vyanyu muheze murye izo nyama+. 22 Kuko umusi nakura ba sogokuruza banyu mu gihugu ca Misiri, ata na kimwe nababwiye canke ngo ndabategeke ku bijanye n’amashikanwa aturirwa uko yakabaye canke ibindi bimazi+. 23 Mugabo iri tegeko ryoryo nararibahaye, nti: ‘Nimwumvire ijwi ryanje, nanje nzobabera Imana, namwe mube abantu banje+. Muze mugendere mu nzira zose ndabategetse gucamwo kugira ngo muroranirwe+.’” 24 Mugabo ntibumvirije canke ngo batege ugutwi+, ahubwo bisunze imigambi* yabo mibi, bakurikira umutima wabo mubi babigiranye akagagazo+. Basubiye inyuma aho kuja imbere. 25 Vyabaye ukwo kuva umusi ba sogokuruza banyu bava mu gihugu ca Misiri gushika n’uyu musi+. Nagumye rero ndabatumako abasavyi banje bose b’abahanuzi, nkabatuma buri musi, incuro n’izindi*+. 26 Mugabo baranse kunyumviriza, ntibatega ugutwi+. Babaye intagondwa* bakora ibibi kurusha ba sekuruza babo.
27 Uzobabwira ayo majambo yose+ mugabo ntibazokwumviriza. Uzobahamagara mugabo ntibazokwitaba. 28 Uzobabwire rero uti: “Ng’iri ihanga ritumvirije ijwi rya Yehova Imana yaryo, ryanka gutozwa indero. Ubwizigirwa bwarazimanganye, nta n’uwukibucisha mu kanwa*+.”
29 Numwe umushatsi wawe utigeze umobwa* maze uwute, kandi ucurire intimba* ku mirambi igaragara, kuko Yehova yahevye aba bantu* batumye araka, kandi azobata. 30 “Kuko abo mu Buyuda bakoze ivyo mbona ko ari bibi”, ni ko Yehova avuze. “Bashize ibigirwamana vyabo bisesemye mu nzu yitirirwa izina ryanje, kugira bayihumanye+. 31 Bubatse ibibanza vyo gusengeramwo* i Tofeti mu mubande wa mwene Hinomu*+, kugira ngo baturire abahungu babo n’abakobwa babo+. Ico ni ikintu ntabategetse, kitigeze kinza no mu mutima*+.”
32 Yehova rero avuze ati: “Mu misi iri imbere, aho hantu ntihazoba hacitwa Tofeti canke umubande wa mwene Hinomu*, ahubwo hazosigara hitwa umubande w’amacuniro. Bazohamba i Tofeti gushika aho ata kibanza gisigara+. 33 Imivyimba y’aba bantu izoribwa n’inyoni zo mu kirere n’ibikoko vyo kw’isi, kandi nta n’umwe azobitera ubwoba+. 34 Nzohagarika mu bisagara vy’Ubuyuda no mu mabarabara y’i Yeruzalemu ijwi ry’umwigino n’ijwi ry’umunezero, ijwi ry’umukwe n’ijwi ry’umugeni+, kuko igihugu kizotikizwa gisigare ari umusaka+.”»