Yeremiya
16 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Ntuze urongore umugore, kandi ntuze uvyarire abahungu n’abakobwa aha hantu. 3 Kuko ku bijanye n’abahungu n’abakobwa bavukira aha hantu no ku bijanye na ba nyina babibaruka hamwe na ba se babavyarira muri iki gihugu, Yehova avuze ati: 4 “Bazokwicwa n’indwara zica+, ariko nta wuzobaririra canke ngo abahambe. Bazoba nk’intabire mu murima+. Bazomarwa n’inkota n’inzara+, kandi imivyimba yabo izoribwa n’inyoni zo mu kirere be n’ibikoko vyo kw’isi.”
5 Kuko Yehova avuze ati:
“Ntiwinjire mu nzu iriko itangirwamwo inzimano y’abagandaye,
ntuje kurirana na bo canke ngo usangire na bo umubabaro+.”
“Kuko nakuye amahoro yanje kuri aba bantu”, ni ko Yehova avuze,
6 Yaba uwuhambaye canke umuto, bose bazopfira muri iki gihugu.
7 Nta wuzoha ibifungurwa abagandaye
kugira abahoze kubera babuze.
Nta n’uwuzobaha igikombe c’umuvinyu wo kubirura
ngo bawunywe kubera babuze se canke nyina.
8 Ntukinjire mu nzu iriko itangirwamwo inzimano
ngo wicarane na bo, ngo urye wongere unywe.”
9 Kuko Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Ehe ngira nkure aha hantu ijwi ry’umwigino n’ijwi ry’umunezero, ijwi ry’umukwe n’ijwi ry’umugeni, ndabigire mu gihe canyu n’imbere y’amaso yanyu+.”
10 Niwabwira aba bantu ayo majambo yose, bazokubaza bati: “Kubera iki Yehova yavuze ko azoduteza ivyo vyago vyose bikomeye? Ikosa twakoreye Yehova Imana yacu ni irihe? Igicumuro twamukoreye ni ikihe+?” 11 Uze ubishure uti: “Yehova avuze ati: ‘Ni kubera yuko ba sogokuruza banyu bampevye+, bakaguma bakurikira izindi mana, bakazikorera kandi bakazunamira+. Mugabo jewe barampevye, ntibakurikiza amategeko yanje+. 12 Mwakoze nabi cane kurusha ba sogokuruza banyu+. Umwe wese akurikira akagagazo k’umutima wiwe mubi, aho kungamburukira+. 13 Nzobakura muri iki gihugu ndabate mu gihugu mwe na ba sogokuruza banyu mutamenye+, kandi mugezeyo muzobwirizwa gukorera izindi mana umurango n’ijoro+, kuko ata buntu nzobagirira.’”
14 “Ariko rero mu misi iri mbere”, ni ko Yehova avuze, “ntibazosubira kuvuga ngo: ‘Ndahiye Yehova Imana nzima yakuye Abisirayeli mu gihugu ca Misiri+!’ 15 Ahubwo bazovuga ngo: ‘Ndahiye Yehova Imana nzima yakuye Abisirayeli mu gihugu co mu buraruko no mu bihugu vyose yari yarabashwiragijemwo!’ Nzobagarukana mu gihugu cabo nahaye ba sekuruza+.”
16 Yehova avuze ati: “Ngira ntumeko abarovyi benshi,
kandi bazobaroba.
Inyuma y’ivyo nzotumako abahigi benshi,
babahige ku misozi yose,
ku mirambi yose no mu mabuye y’urutare yasadutse.
17 Kuko amaso yanje abona ivyo bakora vyose*.
Ntibashobora kubimpisha,
kandi ikosa ryabo ndaribona.
18 Imbere ya vyose, nzobishura ibihuye neza n’ikosa ryabo n’igicumuro cabo+,
kuko igihugu canje bagihumanishije imivyimba* y’ibigirwamana vyabo bisesemye,
buzuza icibare canje ibintu bishisha+.”»
19 Ewe Yehova nkomezi zanje n’igihome canje gikomeye,
buhungiro bwanje ku musi w’amarushwa+,
amahanga azoza kuri wewe avuye ku mpera z’isi.
Azovuga ati: «Ba sogokuruza bacu barazwe ibinyoma vyeruye,
ibintu vy’ubusa bitagira akamaro+.»
21 «Ku bw’ivyo, nzobigisha bamenye.
Ubu hoho bazomenya ububasha bwanje n’ubushobozi bwanje,
kandi bazomenya vy’ukuri yuko nitwa Yehova.»