Samweli wa mbere
14 Umusi umwe Yonatani+ mwene Sawuli abwira umusuku yamutwaza ibirwanisho ati: «Ingo tujabuke tuje ku kirindiro c’Abafilisitiya kiri hakurya.» Mugabo ntiyabibwira se. 2 Sawuli yari akambitse hafi y’urubibe rwa Gibeya+, munsi y’igiti c’ikomamanga kiri i Miguroni. Yari kumwe n’abasoda nka 600+. 3 (Ico gihe umuherezi Ahiya yari yambaye efodi+. Yari mwene Ahitubu+, Ahitubu mwenewabo na Ikabodi+, Ikabodi mwene Finehasi+, Finehasi mwene Eli+, uwahoze ari umuherezi wa Yehova i Shilo+.) Ariko abasoda ntibari bazi ko Yonatani yagiye. 4 Hirya no hino y’aho Yonatani yagomba guca ngo ashike ku kirindiro c’Abafilisitiya, hari ibitandara bifise ishusho y’iryinyo. Kimwe citwa Bozezi, ikindi kikitwa Sene. 5 Kimwe muri ivyo bitandara cari gihagaze nk’inkingi mu buraruko, aharabana n’i Mikimashi. Ikindi na co cari mu bumanuko, aharabana n’i Geba+.
6 Yonatani aca abwira uwamutwaza ibirwanisho ati: «Ingo tujabuke tuje ku kirindiro c’abo bagabo batagenyerewe*+. Hari aho Yehova yodufasha, kuko ata cobuza Yehova gukiza akoresheje benshi canke bakeyi+.» 7 Uwamutwaza ibirwanisho amwishura ati: «Kora ico umutima wawe ukubwiye, uje iyo ushaka. Aho hose umutima wawe ukubwira kuja, ndagukurikira.» 8 Maze Yonatani avuga ati: «Tujabuke tuje iyo abo bagabo bari, duheze tubiyereke. 9 Nibatubwira bati: “Nimuhagarare aho turaje”, duce duhagarara ntituje iyo bari. 10 Mugabo nibavuga bati: “Nimuduge ino”, duce tuduga kuko kizoba ari ikimenyetso c’uko Yehova aza kudufasha kubatsinda+.»
11 Nuko biyereka ikirindiro c’Abafilisitiya. Abafilisitiya baca bavuga bati: «Ehe ba Baheburayo batanguye gusokoroka mu myobo bari banyegeyemwo+.» 12 Abasoda bari kuri nya kirindiro babwira Yonatani n’uwumutwaza ibirwanisho bati: «Nimba muri abagabo nimuduge ino tubereke+!» Yonatani aca abwira uwumutwaza ibirwanisho ati: «Nkurikira kuko Yehova agire ahe intsinzi Abisirayeli+.» 13 Nuko Yonatani atangura kuduga yavura, uwumutwaza ibirwanisho ari inyuma yiwe. Maze atera Abafilisitiya, uwumutwaza ibirwanisho na we akagenda arabahohosha. 14 Muri ico gitero ca mbere Yonatani n’uwumutwaza ibirwanisho bagize, bishe abasoda nka 20, babicira ahagomba kureha n’igice c’ihegitari*.
15 Nuko abari mw’ikambi n’abari ku kirindiro bose bicwa n’ubwoba, mbere na ya migwi y’abasoda yaja kugaba ibitero+ itekerwa n’ubwoba. Isi itangura kunyiganyiga, Imana ituma Abafilisitiya bagira ubwoba bwinshi. 16 Inderetsi za Sawuli zari i Gibeya+ mu karere ka Benyamini zibona ko mw’ikambi y’Abafilisitiya huzuye uruhagarara+.
17 Nuko Sawuli abwira abari kumwe na we ati: «Ndabasavye muharure murabe uwoba adahari.» Baharuye basanga Yonatani n’uwumutwaza ibirwanisho si ho bari. 18 Sawuli aca abwira Ahiya+ ati: «Igiza hafi isandugu y’Imana y’ukuri.» (Ico gihe*, isandugu y’Imana y’ukuri yarajana n’Abisirayeli.) 19 Sawuli akiriko aravugana n’uwo muherezi, uruhagarara rurushiriza kwongerekana mw’ikambi y’Abafilisitiya. Maze Sawuli abwira nya muherezi ngo: «Hagarika ivyo uriko urakora*.» 20 Sawuli n’abari kumwe na we bose barakorana baja ku rugamba. Basanga Abafilisitiya bariko baricana hagati yabo, hari umuvurungano mwinshi. 21 Abafilisitiya bari baduganye mw’ikambi n’Abaheburayo babiyunzeko. Abo Baheburayo rero batangura kuja ku ruhande rw’Abisirayeli bari bahagarikiwe na Sawuli na Yonatani. 22 Abagabo bose bo muri Isirayeli bari binyegeje+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu bumvise ko Abafilisitiya bahunze, na bo nyene baca babirukako ngo babarwanye. 23 Yehova akiza Isirayeli kuri uwo musi+. Urugamba rurabandanya gushika n’i Beti-Aveni, ruraharenga+.
24 Mugabo Abisirayeli bari bamerewe nabi kuri uwo musi kubera ko Sawuli yari yabarahije ati: «Aravumwe umuntu aza kugira ico arya* butaragoroba, ntaraheza kwihora abansi banje!» Nuko ntihagira umusoda n’umwe agira ico atamiye+.
25 Maze abasoda bose* binjira mw’ishamba, kandi hasi hari ubuki. 26 Bashitseyo, babona ubuki buriko bujojotera hasi, mugabo ntihagira n’umwe yubahuka kubukoza ku munwa kubera ko batinya ya ndahiro. 27 Mugabo Yonatani ntiyari yumvise indahiro se yari yarahije abasoda+. Afata rero inkoni yari afise ayikoza mu kimamara c’ubuki ararya, utuguvu duca turagaruka*. 28 Umwe mu basoda aca amubwira ati: «So yarahije abasoda ashimitse ati: “Aravumwe umuntu aza kugira ico arya uyu musi+!” Ni co gituma abasoda barushe cane.» 29 Ariko Yonatani avuga ati: «Dawe yagiriye nabi cane abantu*. Raba ukuntu naciye ngarura utuguvu ndiye ubuki bukeyi gusa. 30 Hari akantu iyo uno musi abasoda baza kurya uko bashaka+ ku vyo basahuye abansi babo! Twari kwica Abafilisitiya benshi cane.»
31 Kuri uwo musi, ingabo za Sawuli zibandanya kwica Abafilisitiya kuva i Mikimashi gushika i Ayaloni+. Zirateba ziraruha cane. 32 Nuko abo Bisirayeli bagurukira ku vyo basahuye n’umunoho mwinshi, bafata intama n’inka n’inyana bazitsinda hasi barazikerera, batangura kuziryana n’amaraso+. 33 Maze bamenyesha Sawuli yuko abasoda bariko bacumura kuri Yehova mu kurya inyama zirimwo amaraso+. Aca avuga ati: «Mwahemutse. Nyarutsa mutembagaze ibuye rinini, murinzanire.» 34 Nuko Sawuli avuga ati: «Nimukwiragire mu basoda mubabwire muti: “Umwe wese nazane ng’aha impfizi yiwe canke intama yiwe, abikerere aheze abifungure. Ntimucumure kuri Yehova mu kurya inyama zirimwo amaraso+.”» Muri iryo joro rero, umwe wese azana impfizi yiwe ng’aho, arayikerera. 35 Sawuli aca yubakira Yehova igicaniro+. Ni co gicaniro ca mbere yubakiye Yehova.
36 Mu nyuma Sawuli avuga ati: «Tumanuke dutere Abafilisitiya muri iri joro, maze tubasahure gushika bukeye. Nta n’umwe muri bo dusigaza.» Abasoda bamwishura bati: «Kora ico ubona ko kibereye.» Ariko umuherezi avuga ati: «Reka tubarize Imana y’ukuri ng’aha+.» 37 Sawuli abaza rero Imana ati: «Manuke gutera Abafilisitiya+? Woba uza gufasha Abisirayeli kubatsinda?» Ariko kuri uwo musi Imana ntiyamwishura. 38 Sawuli aca avuga ati: «Mwese abakuru b’Abisirayeli, nimuze hano. Nimutohoze kugira tumenye igicumuro cakozwe uyu musi. 39 Ndabarahiye Yehova Imana nzima, we yatabaye Isirayeli: naho twosanga ari umuhungu wanje Yonatani, arapfa ata kabuza.» Mugabo ntihagira n’umwe amwishura. 40 Abwira rero Abisirayeli bose ati: «Nimuje ku ruhande rumwe, nanje n’umuhungu wanje Yonatani tuje ku rundi.» Baca bamwishura bati: «Kora ico ubona ko kibereye.»
41 Sawuli aca abwira Yehova ati: «Ewe Mana ya Isirayeli, nutwishure biciye kuri Tumimu*+!» Maze Yonatani na Sawuli barafatwa, abandi na bo barera. 42 Nuko Sawuli avuga ati: «Nimugire ubupfindo+, tumenye ko ari jewe canke umuhungu wanje Yonatani.» Yonatani aca arafatwa. 43 Maze Sawuli abwira Yonatani ati: «Mbwira, wakoze iki?» Yonatani amwishura ati: «Nakojeje inkoni yanje mu buki, ndya dukeyi gusa+. None rero, ndemeye gupfa.»
44 Sawuli aca avuga ati: «Imana izobimpanire bimwe bikomeye nutapfa Yonatani+.» 45 Mugabo abasoda babwira Sawuli bati: «Yonatani yopfa gute kandi ari we yatumye Isirayeli ironka intsinzi* ikomeye+? Ntibishoboka! Turahiye Yehova Imana nzima yuko ata wumurya urwara*, kuko yakoranye n’Imana uyu musi+.» Gutyo abantu bakiza* Yonatani, ntiyapfa.
46 Sawuli aca arareka gukurikira Abafilisitiya. Abafilisitiya na bo basubira mu karere kabo.
47 Nuko Sawuli akomeza ubutegetsi bwiwe muri Isirayeli yongera arwanya abansi biwe bose bari bamukikuje: uri Abanyamowabu+, Abamoni+, Abanyedomu+, abami b’i Zoba+ hamwe n’Abafilisitiya+. Aho yaja hose yarabatsinda. 48 Yari intwari ku rugamba. Yaratsinze Abamaleki+ yongera akiza Abisirayeli abaza kubasahura.
49 Abahungu ba Sawuli bari Yonatani, Ishivi na Malikishuwa+. Yari afise n’abakobwa babiri. Mukuru yitwa Merabu+, mutoyi akitwa Mikali+. 50 Muka Sawuli yitwa Ahinowamu, yari umukobwa wa Ahimasi. Umukuru w’ingabo ziwe yitwa Abuneri+. Yari mwene Neri, sewabo wa Sawuli. 51 Kishi+ yari se wa Sawuli, Neri+ se wa Abuneri na we yari mwene Abiyeli.
52 Mu kiringo cose Sawuli yamaze atwara, hama intambara zikomeye hagati yiwe n’Abafilisitiya+. Sawuli abonye umugabo akomeye canke arinda yaca amushira mu ngabo+.