Zefaniya
2 Imbere y’uko ingingo y’Imana ishirwa mu ngiro,
imbere y’uko wa musi uhita nk’umuguruka,
imbere y’uko ishavu rirurumba rya Yehova ribazako+,
imbere y’uko umusi w’ishavu rya Yehova ubazako,
3 nimurondere Yehova+, mwese abicisha bugufi* bo kw’isi,
mwebwe mukurikiza ingingo* ziwe zigororotse.
Nimurondere ubugororotsi, nimurondere ukwicisha bugufi*.
Hari aho Yehova yobahisha ku musi w’ishavu ryiwe+.
5 «Haragowe ababa ku nkengera y’ikiyaga, ihanga ry’Abakereti+!
Kuko Yehova yabaciriye urubanza rubi.
Ewe Kanani, gihugu c’Abafilisitiya, nzogutikiza
ku buryo ata muntu azosigara muri wewe.
6 Inkengera y’ikiyaga izohinduka uburagiro,
burimwo ibinogo vy’amazi y’abungere n’impongore z’intama.
Ku mugoroba bazokwiryamira mu mazu y’i Ashikeloni.
Kuko Yehova Imana yabo azobitwararika,
akagarukana abantu babo bagizwe imbohe+.»
8 «Narumvise agacokoro k’Abanyamowabu+ n’ibitutsi vy’Abamoni+,
ivyo batutse abantu banje, birata ngo bazobatwara akarere kabo+.
9 Ku bw’ivyo, ndirahiye jewe Imana nzima», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, ya Mana ya Isirayeli,
«Mowabu hazoba nka Sodomu+,
Amoni na ho habe nka Gomora+,
higanzirwe n’ivyatsi vy’ibisuru, isi y’umunyu, habe umusaka ibihe vyose+.
Abasigaye mu bantu banje bazosahura ibintu vyabo,
kandi abasigaye mw’ihanga ryanje bazokwigarurira akarere kabo.
10 Iyo ni yo izoba impembo y’ubwishime bwabo+,
kuko batutse abantu ba Yehova Nyeningabo kandi bakabiratako.
11 Yehova azotuma batekerwa n’ubwoba,
kuko azohindura ubusa* imana zose zo kw’isi,
kandi ababa mu mazinga bose bazomwunamira*+,
umwe wese mu kibanza ciwe.
12 Na mwebwe Abanyetiyopiya muzokwicwa n’inkota yanje+.
13 Azoramvurira ukuboko mu buraruko atikize Ashuri,
kandi azotuma Ninewe hacika umusaka+, ahantu humye nk’ubugaragwa.
14 Amasho y’ibikoko ni ho azokwiryamira, emwe, ibikoko vy’ubwoko bwose.
Inyoni bita igisafu n’ikinyogoto bizokwirarira hagati y’inkingi zaho.
Hazokwumvikana ijwi riririmba* mw’idirisha.
Mu rwinjiriro rwaho hazokwuzura isakamburira,
kuko azoshishagura ibisharizo vyometse ku mbaho z’amasederi.
15 Ico ni ca gisagara cirata, cahora ciraramiye ata co cinona,
kimwe cahora cibwira mu mutima ngo: “Ndi uwa mbere, nta wonyigereranya.”
Ewe kuntu gisigaye giteye ikigongwe!
Gisigaye ari uburaro bw’ibikoko vyo mw’ishamba.
Uwuzoca iruhande yaco wese azovuza agahwa, azunze umutwe*+.»