Ngoma za kabiri
5 Salomo arangiza ivyo yategerezwa gukora bijanye n’inzu ya Yehova+. Salomo araheza azana ibintu se Dawidi yari yareguriye Imana*+, maze ashira ifeza, inzahabu n’ibindi bintu vyose mu bubiko bw’itunga ry’inzu y’Imana y’ukuri+. 2 Ico gihe Salomo akoranya abashingantahe bo muri Isirayeli, abakuru b’imiryango bose n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli. Baja i Yeruzalemu kugira ngo badugane isandugu y’isezerano rya Yehova bayikuye mu gisagara ca Dawidi+, ari co Siyoni+. 3 Nuko abagabo bo muri Isirayeli bose bakoranira imbere y’umwami ku musi mukuru* uhimbazwa mu kwezi kugira indwi+.
4 Abashingantahe bose bo muri Isirayeli bamaze kuza, Abalewi baca barerura iyo sandugu+. 5 Abaherezi n’Abalewi* baca badugana isandugu, ihema ry’ibonaniro+ n’ibikoresho vyeranda vyose vyari muri ryo. 6 Umwami Salomo n’Abisirayeli bose yari yatumiye bakoranira imbere y’iyo sandugu, bashikana ibimazi+ vy’intama n’inka bidaharurika. 7 Maze abaherezi binjiza isandugu y’isezerano rya Yehova mu kibanza cayo. Bayishira mu cumba c’ahiherereye c’urusengero*, ni ukuvuga Aheranda cane, munsi y’amababa ya ba bakerubi+. 8 Amababa y’abo bakerubi yari ashanje hejuru y’aho iyo sandugu iteretse, ku buryo bapfuka iyo sandugu yari munsi yabo n’ibibando vyo kuyireruza*+. 9 Ivyo bibando vyari birebire cane ku buryo umuntu ari Aheranda imbere y’icumba c’ahiherereye yabona imitwe yavyo, mugabo uwuri hanze nta yo yabona. Ivyo bibando ni ho bikiri gushika n’uyu musi. 10 Muri iyo sandugu nta kindi carimwo atari vya bisate bibiri Musa yashiramwo bari i Horebu+, igihe Yehova yagirana isezerano+ n’Abisirayeli bavuye mu Misiri+.
11 Igihe abaherezi bava ahantu heranda (kuko abaherezi bose bo mu migwi itandukanye+ bari ng’aho bari biyejeje+), 12 abaririmvyi bose b’Abalewi+ bayoborwa na Asafu+, Hemani+, Yedutuni+, abahungu babo na benewabo, bari bambaye impuzu zo mu bitambara vyiza. Bari bafise ivyuma bisama, ibicurarangisho vy’imirya n’inanga. Bari bahagaze mu buseruko bw’igicaniro, bari kumwe n’abaherezi 120 bavuza inzumbete+. 13 Abavuza inzumbete n’abaririmvyi bariko bashemeza Yehova bongera bamukengurukira, amajwi yabo ahuje nk’ijwi rimwe. Ijwi ry’inzumbete, iry’ivyuma bisama n’iry’ibindi bicurarangisho ryaguma risamirana igihe bariko bashemeza Yehova, «kuko ari mwiza, kandi urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+.» Ako kanya urusengero, ari yo nzu ya Yehova, rwuzura igicu+. 14 Ico gicu gituma abaherezi badashobora kubandanya igikorwa cabo kubera ko ubuninahazwa bwa Yehova bwari bwuzuye inzu y’Imana y’ukuri+.