Habakuki
Nzoguma nderetse kugira ngo ndabe ico azovuga biciye kuri jewe,
n’ico nzokwishura niyankosora.
2 Maze Yehova aranyishura ati:
«Andika ivyo weretswe, uvyandike neza ku bisate
vy’amabuye*+ kugira ngo uwubisoma n’ijwi ryumvikana, abisome bitamugoye*+.
3 Kuko ivyo weretswe bikirindiriye igihe vyashingiwe,
mugabo biguma vyihuta kugira biranguke*, kandi ntibizobesha.
Naho vyoteba*, ugume ubirindiriye*+,
kuko bitazobura kuranguka.
Ntibizocerwa.
Ariko umugororotsi azobeshwaho n’uko ari umwizigirwa*+.
5 Vyongeye, kubera ko umuvinyu uhendana,
umuntu yishima ntazoshika ku mugambi wiwe.
Umunoho wiwe ungana ukuzimu.
Ameze nk’urupfu, ntiyigera ahaga.
Aguma yegeranya amahanga yose,
akikwegerako amoko yose y’abantu+.
6 Mbega abo bose ntibazomucako umugani, bakamuvugako amajambo ahinyitse n’ay’ubupfindo+?
Bazovuga ngo:
“Aragowe uwugwiza ibitari ivyiwe,
akongereza ideni ryiwe.
Mbega ivyo bizogeza ryari?
7 Mbega abo ufitiye ideni, ntuzoza ubona baguhagurukiye?
Bazokuvyukira bakujegeze vy’akarorero,
bagusahure+.
8 Ko wasahuye amahanga menshi,
ugasesa amaraso y’abantu,
ukanakorera ikibi isi n’ibisagara n’ababibamwo+,
abasigaye muri ayo mahanga,
bose bazogusahura nawe+.
9 Aragowe uwuronderera umuryango* wiwe inyungu mbi,
kugira yarike icari ciwe hejuru cane,
ngo ntashikirwe n’ivyago.
10 Imigambi yawe yakwegeye umuryango* wawe ibimaramare.
Guhonya amahanga menshi biragucumuza bikanagukwegera+.
11 Kuko ibuye riri mu ruhome rizosemerera,
igiti co ku gisenge na co kiryishure.
12 Aragowe uwubaka igisagara mu gusesa amaraso,
akagikomeza mu gukora ibibi.
13 Mbega Yehova Nyeningabo si we atuma abantu babirira akuya ibizoturirwa n’umuriro,
amahanga akaruhira ubusa+?
15 Uragowe wewe uha bagenzawe ico kunywa,
ukakibahana ishavu n’uburake kugira ubaboreze
ngo witegereze ubwambure bwabo.
16 Uzokwuzura ibimaramare mu gishingo c’icubahiro.
Nawe nunywe, maze bose babone ko utagenyerewe*.
Igikombe kiri mu kuryo kwa Yehova, na wewe kizogushikira+,
ahari icubahiro hasigare ukumaramara.
17 Ikibi wakoreye Libani nawe kizokugarukako,
n’agatikizo wateje bigatuma ibikoko bigira ubwoba kazokuzako,
kuko washeshe amaraso y’abantu,
kandi ugakorera ikibi isi,
ibisagara n’ababibamwo+.
18 Mbega igishusho kibajwe kimaze iki
igihe umuntu amaze kukibāza?
Igishusho gikoze mu cuma*, cigisha ibinyoma, kimaze iki?
Kimaze iki naho uwagikoze acizigira,
agahingura imana ata co zimaze zidashobora no kuvuga+?
19 Aragowe uwubwira ikigegene c’igiti ngo: ‘Ikangure!’
Canke akabwira ibuye ritavuga ngo: ‘Vyuka utwigishe!’
20 Yehova we ari mu rusengero rwiwe rweranda+.
Isi yose nicereze imbere yiwe+!”»