Zefaniya
1 Mu gihe ca Yosiya+ mwene Amoni+, umwami w’Ubuyuda, Yehova yabwiye Zefaniya* mwene Kushi, Kushi mwene Gedaliya, Gedaliya mwene Amariya, Amariya mwene Hezekiya ati:
2 «Nzohonya ikintu cose kiri kw’isi», ni ko Yehova avuze+.
3 «Nzohonya umuntu n’igikoko.
Nzohonya inyoni zo mu kirere n’amafi yo mu kiyaga+,
nzimanganye ibitsitaza*+ n’abantu bakora ibibi.
Nzorandura abantu kw’isi», ni ko Yehova avuze.
4 «Nzoramvura ukuboko kugira nkubite Ubuyuda
n’ababa i Yeruzalemu bose;
nzozimanganya muri iki kibanza ibisigarira vyose vya Bayali+,
izina ry’abaherezi b’imana z’inyamahanga n’abaherezi bahemutse+;
5 nzohonya abunamira ingabo zo kw’ijuru*+ bari hejuru ku mazu,
abunama basezerana ko batazompemukira jewe Yehova+
bakongera bagasezerana ko batazohemukira Malikamu+.
6 Nzozimanganya kandi abaheba kunkurikira jewe Yehova+,
ntibandondere jewe Yehova canke ngo bampanuze+.»
7 Nimucereze imbere y’Umukama Segaba Yehova, kuko umusi wa Yehova uri hafi+.
Yehova yateguye ikimazi, yatyoroye* abatumire biwe.
8 «Ku musi w’ikimazi canje, jewe Yehova nzohana abatware,
abahungu b’umwami+ n’abo bose bambara impuzu z’abanyamahanga.
9 Kuri uwo musi, nzohana abantu bose begera ikibanza gitaramutse*,
abuzuza amazu ya ba shebuja ubukozi bw’ikibi n’ububeshi.»
10 Yehova kandi avuze ati: «Kuri uwo musi
hazokwumvikana induru kw’irembo ry’amafi+,
amaborogo mu gace ka kabiri k’igisagara+,
n’urwamo rwinshi mu misozi.
12 Ico gihe Yeruzalemu nzoyisaka nitonze nkoresheje ibimuri,
kandi nzohana abantu ata co bitaho, bibwira mu mitima yabo ngo:
“Yehova nta ciza azokora, kandi nta n’ikibi azokora+.”
13 Ubutunzi bwabo buzosahurwa, amazu yabo na yo asenyurwe+.
Bazokwubaka amazu ariko ntibazoyabamwo;
bazotera imizabibu ariko ntibazonywa umuvinyu wayo+.
14 Umusi uhambaye wa Yehova uri hafi+!
Uri hafi kandi uriko uregereza ningoga+!
Uguhinda kw’umusi wa Yehova kurateye ubwoba+.
Kuri uwo musi, umurwanyi akomeye azoboroga+.