Zaburi
Reka nshemeze Yehova n’umutima wanje wose+!
2 Nzoshemeza Yehova ubuzima bwanje bwose.
Nzoririmbira amashemezo* Imana yanje igihe cose nzoba nkiriho.
5 Hahiriwe uwufise Imana ya Yakobo nk’umutabazi wiwe+,
akizigira Yehova Imana yiwe+,
6 Umuremyi w’ijuru n’isi,
ikiyaga n’ibintu vyose biri muri vyo+,
umwe yama ari intahemuka ibihe vyose+,
7 agatunganiriza abanyazwe utwabo,
Yehova arabohora abapfunzwe*+.
8 Yehova arahumura amaso y’impumyi+.
Yehova arahagurutsa abunamitswe n’ingorane+.
Yehova arakunda abagororotsi.
Shemeza Yehova*!