Yobu
1 Mu gihugu ca Uzi hariho umugabo yitwa Yobu*+. Yari umuntu w’umugororotsi kandi atunganye*+, atinya Imana kandi yirinda ikibi+. 2 Yari afise abahungu indwi n’abakobwa batatu. 3 Ibitungwa vyiwe vyari bigizwe n’intama 7.000, ingamiya 3.000, inka 1.000 hamwe n’indogobwa* 500. Yari afise n’abasuku benshi cane, ku buryo yari umuntu ahambaye kuruta abantu bose bo mu buseruko.
4 Umwe wese mu bahungu biwe yari afise umusi wo gutegura umusi mukuru ku rugo rwiwe. Baca batumira bashiki babo batatu kugira basangire ibifungurwa n’ibinyobwa. 5 Bose bahejeje kugira iyo misi mikuru, Yobu yaca abatumako kugira abatyorore. Maze Yobu yarazinduka kare mu gitondo, agatangira umwe wese ikimazi giturirwa+, kuko yibwira ati: «Hari aho abahungu banje boba bacumuye, bagatuka Imana mu mitima yabo.» Ukwo ni ko Yobu yama abigenza+.
6 Maze umusi ugeze, abamarayika*+ barinjira bahagarara imbere ya Yehova+, na Shetani+ yinjirana na bo+.
7 Yehova abaza Shetani ati: «Uvuye hehe?» Shetani yishura Yehova ati: «Mvuye kunyuragira mw’isi no kuyitemberamwo+.» 8 Yehova aca abwira Shetani ati: «Mbega witegereje* umusavyi wanje Yobu? Nta n’umwe ameze nka we kw’isi. Ni umuntu w’umugororotsi kandi atunganye*+, atinya Imana kandi yirinda ikibi.» 9 Shetani yishura Yehova ati: «Ugira ngo Yobu atinyira Imana ubusa+? 10 Ntiwamukikuje uruzitiro+, ukarukikuza n’inzu yiwe n’ivyo afise vyose? Warahezagiye ivyo akora vyose+, kandi ibitungwa vyiwe vyuzuye igihugu cose. 11 Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, umwake ivyo afise vyose, urabe ko atakuvuma imbonankubone.» 12 Yehova aca abwira Shetani ati: «Ehe ivyo afise vyose biri mu maboko yawe*! Ariko we ntihagire ico umugira.» Shetani aca arasohoka, ava imbere ya Yehova+.
13 Umusi umwe, abahungu ba Yobu n’abakobwa biwe bariko barasangira ibifungurwa n’umuvinyu mu nzu y’umuhungu mukuru+. 14 Nuko haza umuntu maze abwira Yobu ati: «Inka zawe zariko zirarima, n’indogobwa ziriko zirisha iruhande yazo. 15 Abasabeya baciye batera barazitwara, abasuku bawe na bo babicisha inkota. Ni jewe gusa narokotse kugira ndabikumenyeshe.»
16 Akiriko aravuga, haca haza uwundi maze avuga ati: «Umuriro uvuye ku Mana wakorotse* uvuye mw’ijuru, uca urigata za ntama n’abasuku bawe bose. Ni jewe gusa narokotse kugira ndabikumenyeshe.»
17 Akiriko aravuga, haca haza uwundi maze avuga ati: «Abakaludaya+ bigabuyemwo imigwi itatu, baca bagaba igitero kuri za ngamiya barazitwara, abasuku bawe na bo babicisha inkota. Ni jewe gusa narokotse kugira ndabikumenyeshe.»
18 Akiriko aravuga, haca haza uwundi maze avuga ati: «Abahungu bawe n’abakobwa bawe bariko barasangira imfungurwa n’umuvinyu mu nzu y’umuhungu mukuru. 19 Ubwo nyene haciye haza umuyaga ukomeye uvuye mu bugaragwa, uhitana imfuruka zine z’iyo nzu, ica igwa kuri abo bana bose barapfa. Ni jewe gusa narokotse kugira ndabikumenyeshe.»
20 Yobu aca arahaguruka, yitaburirako impuzu yiwe yongera yimosha umushatsi wose. Hanyuma arapfukama, arunama mu maso hiwe hashika hasi 21 maze avuga ati:
«Navuye mu nda ya mama ndi gusa,
kandi nzosubira inyuma ndi gusa+.
Yehova ni we yampaye+, kandi Yehova ni we anyatse.
Izina rya Yehova niribandanye gushemezwa.»
22 Muri ivyo vyose Yobu ntiyigeze acumura canke ngo yagirize Imana ibintu bibi*.