Petero wa kabiri
1 Jewe Simoni Petero, umushumba wa Yezu Kristu nkaba n’intumwa yiwe, ndabandikiye mwebwe abaronse ukwizera kw’agaciro nk’ukwo twaronse* biciye ku bugororotsi bw’Imana yacu n’ubw’Umukiza wacu Yezu Kristu.
2 Imana irushirize kubagirira ubuntu buhebuje* no kubaha amahoro biciye ku kumenya neza+ Imana na Yezu Umukama wacu. 3 Kuko ububasha bw’Imana bwaduhaye* ibintu vyose bidufasha kubaho no kuyihebera, ivyo tukaba tubikesha ukumenya neza iyo Mana yaduhamagaye+ biciye ku buninahazwa bwayo n’ukumera neza kwayo. 4 Biciye kuri ivyo bintu, yaraduhaye* ya mihango y’agaciro kandi ihambaye cane+, kugira ngo biciye kuri iyo mihango mugire akameremere nk’ak’Imana+. Yayiduhaye kubera ko twahevye ingeso mbi zo muri iyi si ziterwa n’ivyipfuzo bibi*.
5 Ku bw’iyo mvo rero, nimukore uko mushoboye kwose+ kugira ngo ukwizera kwanyu mukwongereko ingeso nziza+, ingeso nziza muzongereko ubumenyi+, 6 ubumenyi mubwongereko ukwigumya, ukwigumya+ mukwongereko ukwihangana, ukwihangana mukwongereko ukwihebera Imana+, 7 ukwihebera Imana mukwongereko ukwiyumvamwo abavukanyi, ukwiyumvamwo abavukanyi mukwongereko urukundo+. 8 Kuko nimba ivyo bintu mubifise kandi bikaba bigwiriye muri mwebwe, bizobabuza kuba abantu badakora canke ata co bama*+ mu bijanye no gukoresha ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Umukama wacu Yezu Kristu.
9 Iyo umuntu adafise ivyo bintu, aba ari impumyi, akaba ahumiriza ngo ntabone umuco*+, kandi aba yibagiye ko yahumanuwe ibicumuro+ vyiwe vya kera. 10 Ku bw’ivyo rero bavukanyi, murushirize gukora uko mushoboye kwose ngo mugume muri abizigirwa kugira ntimuve mu bahamagawe+ kandi batowe n’Imana, kuko nimwaguma mukora ivyo bintu mutazogenda muguye+. 11 Aho ni ho muzohabwa umuhezagiro wo kwinjira* mu Bwami+ budahera bw’Umukama wacu akaba n’Umukiza Yezu Kristu+.
12 Ni co gituma nama niteguriye kubibutsa ivyo bintu, naho mubizi mukaba kandi mushinze imizi rwose mu kuri kuri muri mwebwe. 13 Mugabo mbona ko bibereye ko ndabakabura mu kubibutsa+ magingo nkiri muri iri hema*+, 14 kubera nzi yuko vuba ihema ryanje rigiye kuvaho, nk’uko n’Umukama wacu Yezu Kristu yabintomoreye+. 15 Nzokwama nkora uko nshoboye kwose kugira ngo ninamara kugenda, muze mushobore kwiyibutsa* ivyo bintu.
16 Igihe twabamenyesha ububasha bw’Umukama wacu Yezu Kristu n’igihe c’ukugaruka* kwiwe, ntitwisunze inkuru z’ikinyoma zaremaremwe ku buhinga, kuko twiboneye ugukayangana kwiwe+. 17 Imana ari yo Data yaramuhaye iteka n’ubuninahazwa, igihe Imana yo soko ry’ubuninahazwa bw’agatangaza yamubwira aya majambo ngo: «Uyu ni Umwana wanje nkunda cane, uwo jewe nashimye+.» 18 Emwe, ayo majambo twarayumvise ava mw’ijuru igihe twari kumwe na we kuri wa musozi mweranda.
19 Ni co gituma turushiriza kwemera amajambo y’abahanuzi. Muriko mugira neza kwitwararika ayo majambo ameze nk’itara+ rikayanganira ahantu h’umwiza, ni ukuvuga mu mitima yanyu. Mubandanye kubigira gushika umusi utamanzuye n’inyenyeri y’umutwenzi+ iserutse. 20 Ica mbere coco, murazi yuko ata buhanuzi bwo mu Vyanditswe buva ku vyiyumviro* vy’umuntu ku giti ciwe. 21 Kuko ata buhanuzi bwigeze buvugwa bivuye ku vyo umuntu agomba+, ahubwo abantu bavuga ivyava ku Mana barongowe* n’impwemu nyeranda+.