Luka
19 Hanyuma yinjira i Yeriko, kandi yariko ahaca arengana. 2 Ng’aho hari umugabo yitwa Zakayo. Yari umukuru w’abatozakori kandi yari atunze. 3 Yashaka kubona Yezu uwo ari we, ariko ntiyabishobora kubera isinzi ry’abantu, kuko yari mugufi. 4 Aca yiruka imbere, yurira igiti c’umusukomora kugira amubone, kuko yagira ace muri iyo nzira. 5 Yezu ashitse aho hantu, aca ararangamiza, amubwira ati: «Zakayo, ururuka ningoga, kuko uyu musi ntegerezwa kurara iwawe.» 6 Aca arururuka ningoga maze amwakira iwe ahimbawe. 7 Abantu babibonye, bose batangura kuvugira mu ntamatama bati: «Ehe agiye kurara mu nzu y’umucumuzi+.» 8 Mugabo Zakayo arahaguruka, abwira Umukama ati: «Mukama, ica kabiri c’ivyo ntunze ngira ndagihe abakene, kandi ikintu cose nanyaze umuntu*, ngira ndagisubize incuro zine+.» 9 Yezu aca avuga ati: «Uno musi ubukiriro bwaje kuri iyi nzu, kuko na we nyene ari umwana wa Aburahamu. 10 Kuko Umwana w’umuntu yaje kurondera no gukiza abazimiye+.»
11 Bakiriko baramwumviriza, Yezu aca abaha ikindi kigereranyo kuko yari hafi ya Yeruzalemu, na bo bakaba bariko biyumvira ko Ubwami bw’Imana bwagira bwibonekeze ubwo nyene+. 12 Avuga ati: «Umuntu umwe wo mu muryango uhambaye yarafashe urugendo aja mu gihugu ca kure+ kwimikwa ngo abe umwami, hanyuma aheze agaruke. 13 Nuko ahamagara cumi mu bashumba biwe, abaha imina* cumi maze ababwira ati: “Nimuzicuruze gushika ngarutse+.” 14 Ariko abanyagihugu bagenziwe, baramwanka cane. Baca batuma ababaserukira kumubwira bati: “Ntidushaka ko uba umwami wacu.”
15 Amaherezo, aho agarukiye yamaze kugirwa umwami*, aca atumako ba bashumba yaha amahera* kugira arabe ivyo bungutse mu rudandaza rwabo+. 16 Uwa mbere araza, amubwira ati: “Mukama, imina yawe yungutse imina cumi+.” 17 Na we amubwira ati: “Wakoze neza, mushumba mwiza! Ko werekanye ko uri umwizigirwa mu kintu gitoyi cane, nuganze ibisagara cumi+.” 18 Uwa kabiri araza maze avuga ati: “Mukama, imina yawe yungutse imina zitanu+.” 19 Na we nyene amubwira ati: “Na wewe nuganze ibisagara bitanu.” 20 Ariko uwundi araza, avuga ati: “Mukama, ng’iyi imina yawe. Nagumye ndayinyegeje mu mpuzu. 21 Naragutinye kuko uri umuntu akara. Utora ivyo utabikije kandi ukimbura ivyo utarimye+.” 22 Na we amwishura ati: “Wa mushumba mubi we, ndagucira urubanza nisunze amajambo yawe bwite. Kumbe wari uzi ko ndi umuntu akara, ntora ivyo ntabikije kandi nkimbura ivyo ntarimye+? 23 Kubera iki none utashize amahera yanje* mw’ibanki? Ngarutse nari kuyatora ari kumwe n’inyungu.”
24 Aca abwira abari bahagaze ng’aho ati: “Nimumwake iyo mina muyihe urya afise imina cumi+.” 25 Ariko bamubwira bati: “Mukama, afise imina cumi!” 26 Na we abishura ati: “Ndababwiye ko uwufise wese azokwongerwa n’ibindi, ariko uwudafise azokwakwa n’ivyo yari afise+. 27 Nayo abo bansi banje batashatse ko mba umwami wabo, nimubazane hano mubicire imbere yanje.”»
28 Amaze kuvuga ivyo, Yezu abandanya urugendo rwiwe rwo kuduga i Yeruzalemu. 29 Ashitse hafi y’i Betifage n’i Betaniya ku musozi w’Imyelayo*+, atuma babiri mu bigishwa biwe+, 30 ababwira ati: «Genda muri kiriya kigwati mubona. Mumaze kucinjiramwo murahasanga inyana y’indogobwa iziritse, ata muntu n’umwe arayicarako. Muce muyizitura maze muyizane. 31 Nihagira uwubabaza ati: “Kubera iki muyizitura?” Muce mumubwira muti: “Umukama arayikeneye.”» 32 Abo yatumye baca baragenda, bayisangaho nk’uko nyene yababwiye+. 33 Ariko batanguye kuyizitura, beneyo baca bababaza bati: «Kubera iki muzitura iyo nyana y’indogobwa?» 34 Na bo babishura bati: «Umukama arayikeneye.» 35 Baca bayizanira Yezu, hanyuma bayishirako impuzu zabo* maze bayimwicarikako+.
36 Uko yigira imbere, baguma basasa impuzu zabo mu nzira+. 37 Ashitse hafi y’inzira imanuka iva ku musozi w’Imyelayo, abigishwa isinzi batangura kunezerwa no gushemeza Imana n’ijwi rirenga kubera ibitangaza vyose bari babonye. 38 Bavuga bati: «Arahezagiwe Umwami aje mw’izina rya Yehova*! Amahoro mw’ijuru, n’ubuninahazwa iyo hejuru+!» 39 Ariko bamwe mu Bafarizayo bari muri iryo sinzi bamubwira bati: «Mwigisha, bwira abo bigishwa bawe banume+.» 40 Na we abishura ati: «Ndabibabwiye, hamwe aba bonuma, amabuye yosemerera.»
41 Ashitse hafi y’i Yeruzalemu, abona ico gisagara maze arakiririra+, 42 avuga ati: «Ese iyo wewe ubwawe uza gutahura ibijanye n’amahoro uyu musi! Ariko noneho vyarahishijwe amaso yawe+. 43 Kuko hazogera igihe abansi bawe bakubaka irya n’ino yawe uruzitiro rw’ibiti bisongoye, bakagukikuza kandi bakagusugereza impande zose+. 44 Bazokumena hasi mwe n’abana bawe+, kandi nta buye bazosiga rigeretse ku rindi muri wewe+, kuko utabitahuye igihe wasuzumwa.»
45 Aca yinjira mu rusengero maze ahindira hanze abariko baragurisha ibintu+, 46 ababwira ati: «Vyanditswe ngo: “Inzu yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo+”, ariko mwebwe mwayigize isenga ry’abambuzi+.»
47 Yaguma yigisha mu rusengero imisi yose. Abakuru b’abaherezi n’abanditsi hamwe n’abantu bakurubakuru baguma barondera kumwica+, 48 ariko ntibabona ingene bobigira, kuko abantu bose baguma bamwumiyeko bashaka kumwumviriza+.