ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 25
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

1 Samweli: ibirimwo

      • Urupfu rwa Samweli (1)

      • Nabali afata nabi abantu ba Dawidi (2-13)

      • Abigayili akorana ubukerebutsi (14-35)

        • «Isaho y’ubuzima itekewe na Yehova» (29)

      • Yehova yica ya mburabwenge Nabali (36-38)

      • Abigayili aba umugore wa Dawidi (39-44)

1 Samweli 25:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 1:20; 2:18; 3:20; Zb 99:6
  • +1Sm 7:15, 17

1 Samweli 25:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni igisagara co mu Buyuda. Kiratandukanye na wa musozi Karumeli.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 23:24
  • +Yos 15:20, 55

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 78

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2009, rup. 19

1 Samweli 25:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 25:25
  • +1Sm 27:3
  • +1Sm 25:17, 21
  • +Gh 13:6; 32:11, 12

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 76-77

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2009, rup. 18

1 Samweli 25:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «uroranirwe.»

1 Samweli 25:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 25:14-16

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 78

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2009, rup. 19

1 Samweli 25:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ku musi mwiza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 15:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 78

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2009, rup. 19

1 Samweli 25:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 22:2

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 78-79

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2009, rup. 19

1 Samweli 25:11

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 78-79

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2009, rup. 19

1 Samweli 25:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 37:8; Img 15:1; Ums 7:9

1 Samweli 25:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 25:10

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 76-77, 78-79

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2009, rup. 18-20

1 Samweli 25:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 25:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 78

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2009, rup. 19

1 Samweli 25:16

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 78

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2009, rup. 19

1 Samweli 25:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 25:13
  • +1Sm 25:3

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 79

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2009, rup. 20

1 Samweli 25:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ingero za seya.» Seya imwe yaja mu kintu c’amalitiro 7,33. Raba Inyongera ya B14.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 25:3
  • +2Sm 16:1; 17:27-29

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 79-80

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2009, rup. 20

1 Samweli 25:19

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2009, rup. 20

1 Samweli 25:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 25:7
  • +1Sm 25:10; Zb 35:12

1 Samweli 25:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «ihane Dawidi.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «uwo wese yihagarika ku ruhome.» Iyo ni imvugo y’igiheburayo y’akagaye bakoresha bashaka kuvuga abantu b’igitsina-gabo.

1 Samweli 25:24

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/11/2002, rup. 4-5

1 Samweli 25:25

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «imburabwenge», «ikijuju.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 25:17

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 80

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2009, rup. 20-21

1 Samweli 25:26

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «kwironderera ubukiriro.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 20:6
  • +It 9:6

1 Samweli 25:27

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «uyu muhezagiro.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 25:18
  • +1Sm 22:2; 25:13

1 Samweli 25:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 15:28; 2Sm 7:8, 11; 1Bm 9:5
  • +1Sm 17:45; 18:17
  • +1Sm 24:11; 1Bm 15:5

1 Samweli 25:29

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nk’aho buvuye mu kanogo k’umugozi bateresha amabuye.»

1 Samweli 25:30

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 13:13, 14; 23:17; 2Sm 6:21; 7:8; Zb 89:20

1 Samweli 25:31

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ntuzohungabana mu mutima canke ngo utsitare mu mutima.»

  • *

    Canke «wironderere ubukiriro.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 32:35; 1Sm 24:15

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 80

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2009, rup. 20-21

1 Samweli 25:33

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «kwironderera ubukiriro.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 19:10; 1Sm 25:26

1 Samweli 25:34

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «uwo wese yihagarika ku ruhome.» Iyo ni imvugo y’igiheburayo y’akagaye bakoresha bashaka kuvuga abantu b’igitsina-gabo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 25:24
  • +1Sm 25:18
  • +1Sm 25:22

1 Samweli 25:36

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «umutima wa Nabali.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 80-82

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2009, rup. 21

1 Samweli 25:37

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 82

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2009, rup. 21

1 Samweli 25:38

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 82

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2009, rup. 21

1 Samweli 25:39

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 24:15; Zb 35:1
  • +1Sm 25:10, 14
  • +1Sm 25:34

1 Samweli 25:41

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 18:3, 4; Lk 7:44

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 82-83

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2009, rup. 21

1 Samweli 25:42

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 25:3

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 82-83

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2009, rup. 21

1 Samweli 25:43

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 27:3; 2Sm 3:2; 1Ng 3:1
  • +Yos 15:20, 56
  • +1Sm 30:5; 2Sm 5:13

1 Samweli 25:44

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 18:20
  • +2Sm 3:14, 15

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

1 Sam. 25:11Sm 1:20; 2:18; 3:20; Zb 99:6
1 Sam. 25:11Sm 7:15, 17
1 Sam. 25:21Sm 23:24
1 Sam. 25:2Yos 15:20, 55
1 Sam. 25:31Sm 25:25
1 Sam. 25:31Sm 27:3
1 Sam. 25:31Sm 25:17, 21
1 Sam. 25:3Gh 13:6; 32:11, 12
1 Sam. 25:71Sm 25:14-16
1 Sam. 25:8Gus 15:7
1 Sam. 25:101Sm 22:2
1 Sam. 25:13Zb 37:8; Img 15:1; Ums 7:9
1 Sam. 25:141Sm 25:10
1 Sam. 25:151Sm 25:7
1 Sam. 25:171Sm 25:13
1 Sam. 25:171Sm 25:3
1 Sam. 25:181Sm 25:3
1 Sam. 25:182Sm 16:1; 17:27-29
1 Sam. 25:211Sm 25:7
1 Sam. 25:211Sm 25:10; Zb 35:12
1 Sam. 25:251Sm 25:17
1 Sam. 25:26It 20:6
1 Sam. 25:26It 9:6
1 Sam. 25:271Sm 25:18
1 Sam. 25:271Sm 22:2; 25:13
1 Sam. 25:281Sm 15:28; 2Sm 7:8, 11; 1Bm 9:5
1 Sam. 25:281Sm 17:45; 18:17
1 Sam. 25:281Sm 24:11; 1Bm 15:5
1 Sam. 25:301Sm 13:13, 14; 23:17; 2Sm 6:21; 7:8; Zb 89:20
1 Sam. 25:31Gus 32:35; 1Sm 24:15
1 Sam. 25:33Gus 19:10; 1Sm 25:26
1 Sam. 25:341Sm 25:24
1 Sam. 25:341Sm 25:18
1 Sam. 25:341Sm 25:22
1 Sam. 25:391Sm 24:15; Zb 35:1
1 Sam. 25:391Sm 25:10, 14
1 Sam. 25:391Sm 25:34
1 Sam. 25:41It 18:3, 4; Lk 7:44
1 Sam. 25:421Sm 25:3
1 Sam. 25:431Sm 27:3; 2Sm 3:2; 1Ng 3:1
1 Sam. 25:43Yos 15:20, 56
1 Sam. 25:431Sm 30:5; 2Sm 5:13
1 Sam. 25:441Sm 18:20
1 Sam. 25:442Sm 3:14, 15
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
  • 35
  • 36
  • 37
  • 38
  • 39
  • 40
  • 41
  • 42
  • 43
  • 44
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
1 Samweli 25:1-44

Samweli wa mbere

25 Mu nyuma Samweli+ arapfa. Abisirayeli bose bakoranira hamwe baramuririra, maze bamuhamba ku rugo iwe i Rama+. Dawidi araheza aja mu bugaragwa bw’i Parani.

2 Hari umugabo umwe w’i Mayoni+ yari afise itunga i Karumeli*+. Yari atunze cane: yari afise intama 3.000 n’impene 1.000. Ico gihe yari i Karumeli kumwa ubwoya bw’intama ziwe. 3 Uwo mugabo yitwa Nabali+, umugore wiwe akitwa Abigayili+. Yari umugore mwiza kandi w’ubwenge, ariko umugabo wiwe yari umuntu akaze, w’ingeso mbi+. Yakomoka kuri Kalebu+. 4 Dawidi yari mu bugaragwa maze yumva ko Nabali ariko aramwa ubwoya bw’intama ziwe. 5 Dawidi atuma rero abantu cumi, ababwira ati: «Duge i Karumeli kwa Nabali. Nimwashikayo mumumbarize ko akomeye. 6 Muce mumubwira muti: “Urakaramba ugire amahoro*, kandi uroranirwe mu bawe no mu vyawe. 7 Numvise yuko uriko uramwa ubwoya bw’intama zawe. Igihe abungere bawe bari kumwe natwe, nta kibi twabagiriye+. Kandi igihe cose bamaze i Karumeli nta kintu na kimwe batakaje. 8 Shaka ubaze imisore yawe irabikubwira. Ndagusavye wakire neza abo bantu ndungitse kuko tuje ku gihe ciza*. Nimba hari ico woba usigaranye, nkundira ugihe abo basuku bawe n’umuhungu wawe Dawidi+.”»

9 Nuko abo bantu ba Dawidi baragenda, babwira Nabali ivyo Dawidi yabatumye vyose. Bahejeje, 10 Nabali abishura ati: «Dawidi mwene Yese abaye nde? Erega muri iyi misi abasuku benshi basigaye batoroka ba shebuja+. 11 None mfate umukate wanje, n’amazi yanje, n’inyama nabagiye abamwa intama zanje, ndabihe abantu ntazi n’iyo bava?»

12 Nuko abo bantu Dawidi yari yatumye baragaruka, bamwiganira ivyo vyose. 13 Ubwo nyene Dawidi abwira abantu biwe ati: «Umwe wese nakenyere inkota yiwe+!» Nuko bose barazikenyera, na Dawidi akenyera rwiwe. Abagabo nka 400 bajana na we, 200 bandi basigarana imizigo.

14 Muri uwo mwanya, umwe mu basuku ba Nabali abwira Abigayili muka Nabali ati: «Urazi? Dawidi yarungitse intumwa zivuye mu bugaragwa kugira ngo yipfurize ineza databuja, mugabo yazitukaguye+. 15 Abo bagabo baradufashe neza cane. Ntibigeze batugirira nabi, kandi nta kintu na kimwe twatakaje igihe cose twamaranye mu gahinga+. 16 Igihe cose twamaranye na bo turagiye ubusho, batubereye nk’uruhome rudukingira umurango n’ijoro. 17 Raba rero ico ukora kuko ivyago bitabura gushikira databuja n’abo mu rugo rwiwe bose+. Urazi ko databuja ari umuntu w’imburakimazi+ ata wogira ico amubwira.»

18 Abigayili+ aca afata imikate 200, imibindi minini ibiri y’umuvinyu, intama zitanu zibaze, ingero* zitanu z’intete zikaranze, udukate 100 dukozwe mu nzabibu zumye, n’utundi 200 dukozwe mu nsukoni zumye babumbabumvye, vyose abishira ku ndogobwa+. 19 Aca abwira abasuku biwe ati: «Ba muragenda ndaje.» Mugabo ntiyagira na kimwe abwira umugabo wiwe Nabali.

20 Igihe Abigayili yariko aramanuka umusozi ari ku ndogobwa yiwe, Dawidi n’abantu biwe na bo bariko baramanuka bamugana. Mugabo ntibamubona kuko uwo musozi wari umukingiriye. Agize atya ahura na bo. 21 Dawidi yariko avuga ati: «Naruhiye ubusa mu gukingira ibintu vyose vy’uwo mugabo mu gahinga. Nta kintu na kimwe mu vyiwe catakaye+, ariko raba anyishuye inabi ku ciza namukoreye+. 22 Imana ihane abansi ba Dawidi* bimwe bikomeye, ejo mu gitondo nihagera hari uw’igitsina-gabo* mu biwe akiri muzima.»

23 Abigayili akibona Dawidi, yururuka indogobwa ningoga maze yunamira Dawidi, mu maso hiwe hashika hasi. 24 Agwa ku birenge vyiwe maze avuga ati: «Ikosa nirije ku gatwe kanje databuja. Ndagusavye ngire ico nkubwira, untege yompi jewe umusukukazi wawe. 25 Ndagusavye databuja ntushire umutima kuri uwo mugabo w’imburakimazi Nabali+. Izina ni ryo muntu. Yitwa Nabali*, nta bwenge agira. Nayo jewe umusukukazi wawe, abantu watumye sinababonye databuja. 26 Ndakurahiye Yehova Imana nzima, na wewe ubwawe ndakurahiye databuja, Yehova ni we yakubujije+ gukora icaha co gusesa amaraso+ no kwihora*. Abansi bawe databuja n’abarondera kukugirira nabi, barakaba nka Nabali. 27 Ndagusavye databuja, umpere abantu mugendana iyi ngabire*+ jewe umusukukazi wawe ndakuzaniye+. 28 Ndakwinginze uharire igicumuro c’umusukukazi wawe. Yehova ntazobura gutuma uruvyaro rwa databuja ruramba+, kubera yuko urwana intambara za Yehova+ kandi akaba ata kibi urigera ukora+. 29 Nihagira uwugukurikira arondera kukwica databuja, Yehova Imana yawe azozigama ubuzima bwawe nk’aho yoba abutekeye mw’isaho y’ubuzima. Mugabo ubuzima bw’abansi bawe, azobuterera kure nka kurya kw’ibuye bateresheje umugozi*. 30 Yehova niyagukorera ivyiza vyose yagusezeraniye databuja, akakugira indongozi ya Isirayeli+, 31 nta co uzokwiyagiriza canke ngo wicuze* kubera ko utazoba washeshe amaraso bidakenewe canke ngo wihore*+. Yehova niyakugirira neza databuja, uze wibuke umusukukazi wawe.»

32 Dawidi aca abwira Abigayili ati: «Haninahazwe Yehova Imana ya Isirayeli, we yakurungitse uyu musi guhura nanje. 33 Imana iguhezagire kubera ubukerebutsi bwawe. Iguhezagire kubera ko uyu musi wambujije gukora icaha co gusesa amaraso+ no kwihora*. 34 Ariko ndakurahiye Yehova Imana nzima, Imana ya Isirayeli yo yambujije kukugirira nabi+: iyo utanyaruka ngo duhure+, bwari guca ata muntu n’umwe w’igitsina-gabo* asigaye mu rugo kwa Nabali+.» 35 Nuko Dawidi yakira ivyo Abigayili yari amuzaniye, aca amubwira ati: «Niwisubirire iwawe amahoro. Ivyo umbwiye navyumvise kandi nzokora ivyo unsavye.»

36 Abigayili asubira iwe asanga Nabali yiteretse inzimano nk’iy’umwami mu nzu iwe. Nabali* yari aryohewe, yaborewe cane. Abigayili nta kintu na kimwe yamubwiye gushika bukeye. 37 Mu gitondo inzoga zimaze kumuvako, umugore wiwe amwiganira ivyabaye. Maze umutima wa Nabali uba nk’uwuhagaze, arakongatara amera nk’ibuye. 38 Inyuma y’imisi nka cumi, Yehova ateza urupfu Nabali.

39 Dawidi yumvise ko Nabali yapfuye, avuga ati: «Yehova aninahazwe, we yifatiye mu minwe ivyanje+, agacira urubanza Nabali+ kubera ibitutsi yantutse, akambuza jewe umusavyi wiwe gukora ikibi+. Yehova agarukanye ku gatwe ka Nabali ikibi yakoze.» Nuko Dawidi atuma abantu kubwira Abigayili ko yipfuza kumucura ngo abe umugore wiwe. 40 Abasuku ba Dawidi baza i Karumeli babwira Abigayili bati: «Dawidi adutumye kukubwira ko yipfuza kugucura ngo ube umugore wiwe.» 41 Ubwo nyene arahaguruka maze arunama mu maso hiwe hashika hasi. Avuga ati: «Ndemeye kuba umusukukazi yoza ibirenge+ vy’abasuku ba databuja.» 42 Abigayili+ yunamuka ningoga, aca yurira indogobwa ajana n’intumwa za Dawidi. Abasukukazi batanu baramukurikira bajana na we. Araheza aba umugore wa Dawidi.

43 Dawidi yari amaze kwubakana na Ahinowamu+ w’i Yezireli+. Abo babiri baca baba abagore biwe+.

44 Nayo Mikali+ umukobwa wa Sawuli, wa mugore wa Dawidi, Sawuli yari yaramuhaye Paliti+ mwene Layishi w’i Galimu.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika