Imigani
8 Mbega ubukerebutsi ntibuguma buhamagara?
Mbega ugutahura ntikuguma gusemerera+?
3 Iruhande y’amarembo yinjira mu gisagara,
ku bwinjiriro bw’imiryango yaco,
buguma busemerera n’ijwi rirenga+ buti:
6 Nimunyumvirize, kuko ivyo mvuga bihambaye,
kandi iminwa yanje ivuga ibigororotse.
7 Akanwa kanje kavuga ukuri n’ijwi ritoyi,
kandi iminwa yanje ntiyerekwa ikinyoma.
8 Ivyo mvuga vyose biragororotse,
nta na kimwe kigoramye canke gihetamye.
9 Vyose birumvikana ku bantu bafise ugutahura,
kandi biragororotse ku bantu bafise ubumenyi.
10 Nimuhitemwo indero* yanje aho guhitamwo ifeza,
muhitemwo ubumenyi aho guhitamwo inzahabu nzizanziza+.
11 Kuko ubukerebutsi ari bwiza kuruta amabuye yitwa korali*.
Ibindi bintu vyose vy’agaciro ntivyogereranywa na bwo.
13 Gutinya Yehova bisobanura kwanka ikibi+.
Ndanka ukwishira hejuru, ubwishime+, inzira mbi n’amajambo agoramye+.
15 Biciye kuri jewe, abami baguma baganza,
kandi abategetsi bakurubakuru bafata ingingo zigororotse+.
19 Ivyo ntanga ni vyiza kuruta inzahabu, mbere inzahabu ityoroye,
kandi ivyo nama ni vyiza kuruta ifeza nzizanziza+.
20 Ngendera mu nzira y’ubugororotsi,
hagati mu nzira y’ubutungane.
21 Abankunda ndabaha intoranwa nziza,
ibigega vyabo nkavyuzuza ibintu vy’agaciro.
27 Igihe yategura ijuru+ ni ho nari.
Igihe yashiraho urubibe* rutandukanya ijuru n’ikiyaga+,
28 igihe yashira ibicu hejuru,
igihe yashiraho amasoko y’amazi yo mu kuzimu,
29 igihe yashingira ikiyaga itegeko
kugira amazi yaco ntarenge akarimbi yagishingiye*+,
igihe yashiraho* imishinge y’isi,
Yaranyiyumvamwo cane+ imisi yose.
Nama mpimbawe igihe cose imbere yiwe+.
31 Narahimbarwa n’isi yateguye kugira ibeko abantu,
kandi narakunda cane abana b’abantu*.
32 Ubu rero bane banje, nimunyumvirize.
Hahiriwe abagumya inzira zanje.